IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 1 Ruheshi

1 Ruheshi

vendredi 1er Ruheshi 2018

Igenekerezo rya 1 Ruhenshi

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

193 : Inama nkenguzamateka y’i Roma icira urwo gupfa Didius Julianus.
Ivyo vyaciye bituma uwitwa Septime Sévère aca aba umwami.
1310 : Marguerite Porete, umwanditsi w’umukirisu aricwa aturiwe.
Bamuturiranye igitabo ciwe yise « Miroir des âmes simples et anéanties ». yiciwe ku kibanza batazira ica yegereyegere ( place de Grève) i Paris mu gihugu c’Ubufaransa.
1792 : Kentucky yinjira mu muryango ugize igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika. Yabaye leta igira 15 yinjiye muri uwo muryango.
1796 : Tennessee yinjira mu muryango ugize igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika. Yabaye leta igira 16 yinjiye muri uwo muryango.
1855 : Hasohoka igitabo kizwi cane ubu citwa « Les Fleurs du mal ». kikaba canditswe n’umwanditsi w’umufaransa yitwa Charles Baudelaire.

1885 : Ikiziga c’umwanditsi w’umufaransa Victor Hugo gishingurwa mu nyubakwa zitwa Panthéon. Aho ni mu gisagara ca Paris, umurwa mukuru w’Ubufaransa.
1962 : Adolf Eichmann, umwicanye wu mu murwi w’aba nazi, aracwa mugasho kahitwa Ramla muri Isirayeri.
1966 : I Kinshasa, hanyongwa “abamaratiri bo ku munsi wa Penekoti”.
1987: Iradiyo yabafaransa yitwa France Info iratangura gusamirana icese.
1998: Muri Afrika y’Epfo, Siphiwe Nyanda aba umwirabure wa mbere atwaye igisoda cico gihugu.
2001: Umuhungu wo mu nda yingoma ya Nepal, Dipendra, yica abaryango biwe 10 bo mu muryango w’umwami. Akaba yabishe aho bari bakoraniye ku meza bariko barafungura.
2003: Mu Bushinwa hugururwa icese urugomero rw’umuyangankuba rwitwa “barrage de Trois-Gorges”.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1926: Marlyn Monroe, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1937: Morgan Freeman, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1947: Ron Wood, umucuraranzi w’igitari wo mu murwi Roling Stone.
1985: Tirunesh Dibaba, umunonotsi akomoka muri Ethiopie. Yatsinze mu mahiganwa Atari make ku birere birebire.
1986: Dayana Mendoza, umukobwa akomoka muri Venezwera. Yabaye Miss Univers 2008.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1846: Nicolas Appert, uwiyumviriye ubwa mbere ubuhinga bwo kubika ibiribwa mu makopo.
1846: Geregwari wa 16, umu papa. Izina ryiwe ryukuri ni Bartolomeo Alberto Cappellari.
1868: James Buchanan, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.
1879: Napoléon, umuhingu wa Napoléon wa 3, yiciwe muri Afrika. Yishwe n’abazuru.
2008: Yves Saint Laurent, umuhinga mu gushona impuzu w’umufaransa.

Ibihimbazwa

. Umunsi wahariwe umwana. Ni n’umunsi wahariwe abana mu bihugu bitari bike nka : Albaniya, Angora, Armeniya, Bulgariya, Ubushinwa, Equateur, Portugal n’ibindi.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ingenzi.
. Umunsi wahariwe igiti mu bihugu nka Bénin na Cambodge.
. Mongolie : Umunsi mukuru wahariwe nyina wa muntu n’abana.
. Palaos : Umunsi mukuru w’umukuru w’igihugu.
. Samoa : Umunsi mukuru w’igihugu.


Luc-Noel Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.