Accueil > Amakuru > Akahise > 14 Ruheshi
 14 Ruheshi
 14 Ruheshi
				
				vendredi 14 Ruheshi 2013
Igenekerezo rya 14 Ruhenshi ni umunsi ugira 165 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 200 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri
1276: Song Duanzong yimikwa kuba umwami w’Ubushinwa.
1777: Inama nshingamateka yo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika zitorako
ibendera y’ico gihugu ari “Star and Strips”.
1846: Havuka Repubrika ya Californie.
1963: Ikigendajuru Vostok 5 kirungikwa mu kirere.
1949: Havuka Leta ya Viêt Nam.
1982: Indwano ya Malouines irarangira. Ingwano yahuza Argentine n’Ubwongereza.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri
 
1928: Che Guevara, umurevorisyoneri wo muri Argentine
1961: Sam Perkins, umukinyi w’urukino rwa Basketball w’umunyamerika.
1969: Steffi Graf, umukinyi w’urukino rwa tennis w’umudagi.
1972: Moustapha Sonko, umukinyi w’urukino rwa handball w’umufaransa.
1976: Massimo Oddo, umukinyi w’umupira w’amaguru w’umutariyano.
 
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri
1920: Max Weber, umuhinga muvyimibano w’umudagi.
 
1946: John Logie Baird, umuhinga wo muri Ecosse. Niwe avugwa ko
yazanye ubuhinga  mbw’imboneshakure.
1986: Jorge Luis Borges, umwanditsi akomoka muri Argentine.
1995: Sony Labou Tansi, umwanitsi akomoka muri Congo.
 
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wo gutanga amaraso.
. Leta Zunzubumwe z’Amerika: Umunsi wahariwe ibendera.
. Malawi: Umunsi mukuru wo kwidegevya.
Luc-Noel Ingabire
