IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 15 Ruheshi

15 Ruheshi

mercredi 15 Ruheshi 2016

Igenekerezo rya 15 Ruhenshi.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nk’iri

1888: Guillaume wa 2 aba umwami w’Ubudagi.
1954: Havuka ubumwe bw’amashirahamwi y’umupira w’amaguru i Buraya.
Urwo runani ruzwi ahanini kw’izina rivunaguye “UEFA”.

George Pompidou

1969: Mu Bufaransa, uwitwa Georges Pompidou atorwa kuba umukuru
w’igihugu c’Ubufaransa.

1994: Hatanguzwa imigenderanire hagati ya Leta ya Israël hamwe na Leta
ya Vaticano.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nk’iri

David Rockefeller

1915: David Rockefeller, umunyamerika w’umurwizatunga yikorara utwiwe.
Niyo yatanze ikibanza c’ubwatswemwo inyubakwa zikoreramwo ONU i New
York.
1924: Ezer Weizman, uwabaye umukuru w’igihugu agira 7 wa Leta ya Israël.
1943: Johnny Hallyday, umuririmvyi w’ummufaransa.

Johnny Halyday

1954: Daniyal Akhmetoy, umushikiranganji wa mbere wa Repubrika ya Kazakhstan.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nk’iri

1849: James K. Polk, uwabaye umukuru w’igihugu wa Leta Zunzubumwe
z’Amerika agira 11.

James K Polk

1962: Alfred Cortort, umucuraranzi w’umufaransa.
1965: Steve Cochran, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
1968: Wes Montgomery, umucuraranzi w’umunyameriki avuza igitari wo mu
mudiho wa Jazz.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ukurwanya ugufatwa nabi kw’abageze mu za bukuru.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe umuyaga.
. Danemark: Umunsi mukuru wahariwe indero.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.