IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ANSS &ABS :Abanywa ibiyayuramutwe bakwiye gushigikirwa kugira (...)

ANSS &ABS :Abanywa ibiyayuramutwe bakwiye gushigikirwa kugira bavurwe

jeudi 22 Ruheshi 2017

Mu nama ishirahamwe rijejwe gushigikira no kwitaho abagwayi bumugera Sida ( ANSS ) rifadikanije n’urunani rw’amashirahamwe agwaniriza hamwe umugera wa Sida (ADC ) yatunganije kuri uno wa kane igenekerezo rya 22 Ruheshi 2017, yamenyesheje ko abantu banywa ibiyayuramutwe bandura ku rugero runini umugera wa Sida.

Pierrre Claver NJEJIMANA yashikirije icigwa yamenyesheje ko abanywa ibiyayuramutwe iyo bituye abahinga bavura ingwara zatewe n’ibiyayuramutwe, bashobora gukira .

Pierre Claver NJEJIMANA yavuze ko gufasha abanywa ibiyayuramutwe ari igikorwa c’umuntu wese kuva ku miryango y’abanywa ibiyayuramutwe ,kuko kenshi usanga bafatwa nabi mu miryango no mu kibano bigatuma bihebura cane gutyo ingwara zikabandanya zibabangamira.

Komiseri Dismas Ntakibirora umuhanuzi muvyo amategeko mu buyobozi bukuru bw’igipolisi mu Burundi,yamenyesheje ko abanywa ibiyayura mutwe ari benshi, kandi ko benshi muri abo ari urwaruka bigatuma igihugu kihahombera vyinshi kuko ataco baba bagikora.

Dismas Ntakibirora yasavye ko mu gufasha abo banywa ibiyayuramutwe batoshira imbere kubapfunga, ariko boshira imbere kubavura kugira basubire mu buzima busanzwe .

Dismas Ntakibirora yavuze ati : “ Abanywa ibiyayuramutwe si ruhebwa ariko bofashwa kugira bavugwe.”

Amatohoza yakozwe yerekana ko mu rwaruka runywa ibiyayuramutwe ibice 10,2 kw’ijana muribo bandura umugera wa Sida, ari naco gituma buri muntu akwiye guterera kugira abanywa ibiyayuramutwe bashobore kubiheba gutyo bikingire ingwara zitandukanye zibabangamira.

Iyo nama ikaba yatunganijwe mu ntumbero yo kwitegurira umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ibiyayuramutwe n’urudandazwa rwavyo, wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 26 ruheshi,uyu ,mwaka ukazohimbazwa ku civugo kivuga : “ Mufashe uwunywa ibiyayuramutwe, ntumuhane. “


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.