IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abafashije kugira amasezerano ya Arusha aboneke basabwa gufasha mu kibazo (...)

Abafashije kugira amasezerano ya Arusha aboneke basabwa gufasha mu kibazo c’Uburundi

samedi 16 décembre 2017

Nkuko biri mw’itangazo ry’urunani CNARED ryateweko umukono n’umukuru warwo Dr Jean MINANI kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Kigarama 2017, ayo mashitahamwe ni iry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, Fondation Nelson Rolihlahla Mandela na Fondation Mwalimu NYERERE.

Muri iro tangazo, urunani CNARED rumenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rutayashigikiye kuko bizotuma amsezerano ya Arusha azimangana kandi ariyo yatumye haboneka inyishu ziganiriweko na bose ku ndyane zari mu Burundi, ivyo kandi bigashobora gutuma haduka intambara zishobora no gutandukira akarere.

Urunani CNARED rusohoye iryo tangazo, mu gihe kuwa kabiri igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, umukuru w’igihugu yatanguje muri komine Bugendana, intara ya Gitega, isekeza ryo gusigurira abarundi ibizohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro rishasha ry’Uburundi.

Mw’ijambo ryiwe,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaragabishije uwo wese yobangamira umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro, haba mu mvugo canke mu ngiro.

Umukuru w’murwi utegura amatora CENI Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze kur’uyuwa gatanu ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rishasha ashobora kuba mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uza wa 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.