IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abakirota gusesa amaraso ya beneburundi ni bateshwe bate - Ntisezerana

Abakirota gusesa amaraso ya beneburundi ni bateshwe bate - Ntisezerana

samedi 17 Munyonyo 2012

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana yarateye akamo abakirota basesa amaraso ya beneburundi ngo bateshwe bate, bagaruke nyabuna mu ruhongore mu kwifatanya n’abandi barundi mu kwubaka igihugu.

Yabimenyesheje ku wa 9 Munyonyo 2012 ariko arugurura inama yahuza abajenama b’amakomine n’abakenguzamateka mu ntara ya Cibitoke.Yaboneyeho akaryo ko gukengurukira icese abenegihugu bo mu Cibitoke na canecane abarongoye abandi mu makomine ku kugene bakoranye n’inzego z’umutekano mu kurwanya inkozi z’ikibi zagerageje kumenera muri iyo ntara zigomba guhungabanya umutekano hanyuma zigata zikomoka zitaronona mbere bamwe muri bo bakahasiga ubuzima, ibirwanisho navyo bigafatwa.

Yamenyesheje ko ari ikimenyamenya c’uko abenegihugu bamaze gutahura ko intambara ataho yobashitsa atari amaganya n’amarira no gusubira inyuma mw’iterambere. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yarashimye kandi ukugene abagize inama z’amakomine bakorana neza n’urwego arongoye, abajejwe intwaro n’umutekano hamwe n’amashirahamwe yigenga n’amashengero ku neza y’abanyagihugu mbere akipfuza ko vyobandanya gutyo.Niko kumenyesha ko ivyo bigaragaza ko barajwe ishinga no gutsimbataza amahoro n’umutekano, intwaro ibereye n’iterambere ry’amakomine n’abenegihugu bayabamwo. Ivyo navyo ngo vyongereza ingoga abakenguzamateka narirya batowe n’abo bari mu nama z’amakomine kandi benshi basanzwe bari murizo.

Yamenyesheje ko ico izo nzego zibiri rero zihuriyeko ari uguserukira abenegihugu n’inyungu zabo kandi ibigoye abajenama b’amakomine biba bigoye abakenguzamateka.Yarongeye amenyesha ko ari muri iyo ntumbero Inama Nkenguzamateka yashinze umugambi w’ihuriro ry’abakenguzamateka n’abajenama b’amakomine kugira bame na ntaryo bayaga, bahanahana ivyiyumviro ku vyerekeye kwegereza intwaro abenegihugu, ubwigenge bw’amakomine n’ubuzima bw’amakomine n’ubwo abanyagihugu. Inama ihuza izo nzego ngo yahereye mu ntara ya ngozi mu mwaka w’2007 hanyuma zica zirabandanya mu gihugu cose intara imwe imwe ukwayo. Aho rero abakenguzamateka baraheza bakamenya ivyipfuzo vy’abenegihugu mu ntara yose n’umuti ingorane ziharangwa zotorerwa.

Yaragarutse ku biganiro bishikirizwa muri izo nama, navyo bikaba ari: ukugene igipolisi c’Uburundi gikorana n’abenegihugu mu kubungabunga umutekano; ukugene abajejwe intwaro mu makomine bakorana n’abajejwe umutekano bisunze amategeko; umugambi w’igihugu wo gutsimbataza intwaro ibereye no kurwanya igiturire hamwe no gutsimbataza umutekano n’amahoro mu ntumbero yo gufata mu minwe iterambere rya komine n’iryo abenegihugu.

Naho biri uko ngo hatabaye intwaro ibereye, kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta umwe wese aho aherereye naho nyene ntaco boshikako. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana yarakebuye kandi abarongoye abandi mu makomine ngo bahimirize abenegihugu kuvyara abo bashobora kurera kuko kurondoka ku rugero rurengeye bishobora gusubiza inyuma igihugu. Yaranabasavye kurima no kworora kijambere kugira abenegihugu babafatireko akarorero mu kwiteza imbere.

Yarabasavye guhimiriza abenegihugu kwijukira kugura ikarata yo kwivurizako igurwa amafaranga 3.000 narirya Reta yemeye kugira akigoro kadasanzwe mu ntumbero yo gusahiriza abenegihugu bafise amikoro make.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.