IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozweko n’ubwicanyi bwabaye mu 1972 batanguye ibikorwa vy’ukwibuka (...)

Abakozweko n’ubwicanyi bwabaye mu 1972 batanguye ibikorwa vy’ukwibuka ababo

vendredi 28 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Urunani rw’abavuga ko bacitse kw’icumu "mw’ihonyabwoko ryakorewe abahutu" mu mwaka w’1972 batanguje kuri uwu wa kane ibikorwa vy’ukwibuka imyaka 45 iheze habaye ubwicanyi bwahitanye abahutu barenga ibihumbi bitatu, nk’uko muri urwo runani babivuga.

Mu gutanguza ivyo bikorwa, mu runani "Collectif des survivants et victimes du Genocide Hutu de 1972" bashikirije umurwi CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi, icegeranyo kigizwe n’impapuro amajana indwi, muri ico cegeranyo bakavugamwo ivyo bazi ku bwicanyi bwakozwe mu mwaka w’1972.

Mu bikorwa bitegekanijwe, harimwo ikiganiro ku vyabaye mu mwaka w’1972 kiba kuri uwu wa kane, imisa y’ukwibuka abaguye muri ubwo bwicanyi izoba kuri uwu wa gatandatu, ugushinga intahe kw’abacitse kw’icumu hamwe n’ababibonye, hamwe n’igikorwa gikomeye kizoba kuri uwu w’Imana, aho abagize urwo runani bazotanguza iyubakwa ry’icibutso ca mbere mu Burundi c’abahitanwe "n’ihonyabwoko ryakorewe abahutu" mu mwaka w’1972. Ico cibutso (Monument) kizokwubakwa mu ntara ya Gitega, mu Giheta.

Francois Xavier NSABIMANA, umuhuzabikorwa ku rwego rw’igihugu ajejwe ibikorwa vy’ukwibuka "ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu mwaka w’1972" asaba Reta y’Uburundi ko yotanguza amatohoza kugira inama nshingamateka y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zemeze ko abahutu bakorewe ihonyabwoko mu Burundi, abaryagirizwa nabo bashengezwe mu butungane.

Mu runani rw’abavuga ko bacitse kw’icumu "mw’ihonyabwoko ryakorewe abahutu" mu mwaka w’1972 bavuga ko abakoze ubwo bwicanyi bazwi.

Kuri ico cibutso c’abishwe mu 1972 kizokwubakwa kuri uwu w’Imana ku rwego rw’igihugu, mu mugambwe MSD babaza ahari ivyibutso navyo vy’abahutu bishwe mu myaka y’1993, 2006, hamwe n’ababandanya kwicwa kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015.


IGIHE

Messages

  • Ukwo sukwibuka bavyita inkina mico canke kwidigadiga ariko abarundi mwogiye mureka guhendwa none karashizingani ngwabaru tuze turinde duherengetera tukiri mubujuju nubuja nkubwo dukwegerwamwo nabanyabirato

  • Nimba mubikora mugamije ivyiza bizobahira, ariko nimba mubikora mubamije guhembera amacakubiri bizobakora!

  • Icibutso bacubatse Kure.iyo kija Bujumbura Nibutse uko bahitanye Sokuru wanje nababanyi biwe bashoregwa nkimpene bagiye kwicwa atawukurako umunwa,abarokotse binyegeza mungundu zibitoke.nukuri urwanko nirubi.maze kubaho ngakura nahuye nugwa 1993.inzigo ntambabazi igira,kugira bakwice babaza kukwita izina,inyanka Burundi,icitso,umwasaya,nayandi mazina kugira impamvu yo kukwica iboneke.nabonye vyinshi,kugeza za 1997 hoho hari habaye ihinyanyurwa ryamajambo ayoyo yose yarondera ko umuntu apfa.bakwaka karangamuntu aho wavukiye ukahazira ataruhara wabigizemwo kugira gusa bakwice.mbe umutima wubugome mubantu.nibuka igihe kimwe nagiye gutembera muri Bururi zone Kigwena mubice vyo Mukaronda,igisoda cazinguje igisagara cose mugitondo ngo muzane ivyangombwa,aho abategetsi nabo niho bari bari harimwo uwahoze ari adimistrateur wo Murumonge Antoine Bashirahishize ndetse na Buramatari Ndayizamba,aho navukiye narahazize Imana gusa niyo yahankuye kubera iminsi itari bwagere,abantu bapakiwe ama camion bajanwa Murumonge havuyemwo uwiminsi itari bwakwire,uyo musi naraye Muminago aho abantu bari begeranirijwe hamwe kuri Eglise Catholic,ubwo kumugoroba abasoda baba baraje mbona bafashe umu papa umwe batangura kumwita izina ngo nicotso,bagiye bakubita aratinda arahwana.ubwo nabajije umuryango nashikiyeko uko bimeze bati hamaze kwicwa abantu benshi kandi ntibanabahamba.ubwo mugitondo najanye numwana wo muruyo muryango kukiyaga dufata ubwato butoyi turi kurya umunyenga,dushitse hepfo yahari position yabasoda musi y’ibitaro vyo Muminago umunuko waruhari waruteye ubwoba,twarashoboye kwegera ivyo twabonye biteye agahinda.harigihe nibaza impamvu abantu babaye nabi gushika hiyo bikancanga.kuburyo no kwitwa Umurundi harigihe ndabigirako amakenga.gusa nasabako icibutso cubatswe kitoba ico kwihora ahubwo kakaba akaryo katwereka amakosa Abarundi bakoze tukirinda kuyaraga abana bacu.kuko atakindi bizana atari kwihora hora,agahinda namaganya.

  • Halleluah, enfin igihe kirageze, mieux vaut tard que jamais!!! hanyuma Gouvernement y’ uburundi ica itwara runo rubanza muri ONU kugira barya bose bakoze ihonyabwoko ry’ abahutu bwo muri 1972 bareguke imbere ya Sentare mpuzamakugu ihana ivyaha.
    Gurtyo Abarundi bazoba batanguye kobona ko uwukoze wese ubwicanyi arinda kubihanirwa.

  • mana mana mana tweho abakiri bato tuzogwa muvyo tutazi nico gituma tutoza turahendwa nabanyeporitike baduta mumanga ngira nimyaka iraho nunva papa atubwira ko yahungiye uganda ngobaza baratwara umuntu umwumwe bamenye ko ufise namashuri indwi aho nyene basha none ga hemwe mubona kweri tuzopfa dukize intureka zurutavanako ehe ndabira ndadaye bamukereye nki hene ntaryamira ehee ejo bundi ngo kudeta abo rero abo nabejo bundi hariho bagwagasore ngo bangendandumwe bamwambutsa nabandi none ibi bintu tuzobivamwo kweri

  • Ubwo bahaze imvure ahubwo abo natwe turabashaka mu rwanda abenshi murabo basize bakoze genocide yabatutsi mu 1994

  • Jewe nagiranterere iciyumviro kumugambi wicibutso witirigwa abantu bapfuye 72 icibutso niciza ariko ntacocofasha abarundi murikazoza kuko ibi vyazanye ihorihori mumitima yabarundi.ahumbo twirinde kugwa mumutego nkuwo mugwanda bakoresha nkiturufu yokugundira ubutegetsi bitwaje ivyabaye ,ahubwo Leta itegure ugwibutso rurimunyitozina ngo(TWIBUKE UBWICANYI BWABAYE MUBURUNDI MUNTUMBERO YOKWUBAKA IGIHUGU NIMITIMA YASINZIKAJWE NABWO) kuko nimbadushaka guhinduramateka nakahise abatutsi ntibokwibuka mukibimba abahutu nabo ahandi kanditwese turibene Burundi biragahera. Twibukeko murizontambara ubwokobwose bwarapfuye kubwokudahuza ivyiyumviro bamwebakazira ubwoko abandi bakazira kudashigikira ibibi .(NONE ABABURIYE MURIZINTAMBARA ZOSE 72 NTEGAMARANGARA 93 NOKUGEZUBU BOBAZOCA BIBUKA GUTE???) Nimureke umugwi wumurundi nokurekuriranira uzobariwo ukorana na Leta nabovyega bashinge ugwibutso rumwe kandi rutazovyara iturufu yogutsindisha abandi muripolitique .bitabayukwo urwogwibutso uzobarumugera mubi wamacakubili yamoko atacuzomarira ugwaruka arigwokazoza kuburundi.abafise ivyobarondera nibabirondere arikobitonde batorumuti urama kukonubundi abapfuye ntibazogaruka ngotubabone,tuvuganukuri kubakuzi tubabarirane hanyuma twubake igihugu tutiteze imitego ubwacu .jewe nanditsibi ndumwe mubabuze murizondyane ZOSE 72 na93 nocanibukiki nibabanze??norangiza nsaba abarundi bose kugirumutima wimbabazi nurukundo nokwibagira ivyinyuma turabimbere iyotuja,bwibukako abotwabuze IMANA irazahobari kandumwumwewese azoronkingero bikwiranye hageze .ugwibutso gwabahutu nugwabatutsi ntirukabe muburundi kuko bose ntamwere arimwo tubirekerimana (HAZOBEHO UGWIBUTSO GWUBWICANYI BWAHEKUYE UBURUNDI GUSA)murakoze cariciyumviro ntanze kuko ntahahamuka dukeneye burimwaka abatabizi ivyokwibuka bazojemurwanda igihe cicunamo bavyirabire .Imana iturindivyo mugihugucacu kandikibarico turusha amahangayandi

  • Ibibint Vyokuza Baregeranya Ibiziga Ntanahamwe Bizodushikana.Mubura Kwegerany Twebw Tukiriho Mugategur Icotuma Mutazegerany Abamaz Kwitab Imana.None Komubona Kur Ayomahonyabwoko Bayakora Muri Hehe?Ukwo Nugukinakumuvyimba Ababuz Ababo.None Mutohoj Musanga Icogihe Hapfuye Abahutu Gusa?Nimudusabire Kumana Ahubwo Duhinduke Mwoye Kudusabira Ivyegeranyo Vyabamaze Gupfa.Mbeg Nkumututs Canke Umutw Yaburiy Uwiwe Mwiryohonyabwoko Wewe Mwoca Mumushirahe?Canke Muri Rusangi Ababuze Muzobafashiki?

  • @mob. Turakuzi ko uri mujeri sans echec zimwe zihaye inkumbi i Burundi zica abahutu.

  • @mob.wowe uri umu sans echec kandi naso ukubyabyara yakoze ihonyabwoko muri 72.

  • Mubemukina kumibyimba yabatutSi muvuga ibitampaye agaciro nuko umunsi wanyu utaragera akatinze kumera namenyo yaruguru na kinani ntiyaraziko.........

  • None MSD yibutse uno musi gusabira abahutu ivyibutso, bubaka icibutso co kwi bubu ko MSD itabajije ikibazo gisa nico iti nihe hari ivyibutso vyabahutu twishe 65, 68, 72, 88,91,93. Nimureke gutanga ivyiyumviro vyo gusamaza abantu MSD.

  • KUCUBAKA NTIVYARI BIBI IKIBI NUKO BACUBATS KUMUNSI W’IMANA.KAND MURABE NTIBITUGIRE NKO MU RWANDA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.