IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 98 bafatiwe mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi mu bigo vya Kaminuza ku (...)

Abantu 98 bafatiwe mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi mu bigo vya Kaminuza ku Mutanga

samedi 19 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko twabibwiwe na bamwe mu banyeshure bo muri ico kigo, abo baporisi bari baje gusaka, hamwe n’ukurondera aboba baba muri ico kigo batabifitiye uburenganzira.

Ico gikorwa catanguye nk’igihe c’isaha cumi n’imwe y’agatondo, nk’uko abo banyeshure babandanije babishikiriza.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu 98 bafashwe bagizwe n’abanyeshure 78 ba Kaminuza y’Uburundi badafise uburenganzira bw’ukuba muri ico kigo co ku Mutanga, abanyeshure 15 bo mu zindi Kaminuza ariko bahora barara muri ico kigo, abashitsi 4 b’abo banyeshure, hamwe n’umunyeshure umwe yafatanwe urumogi.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE amenyesha ko abo bafashwe bose bajanwe muri BSR.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.