IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarongoye ibimenyeshamakuru n’abavugizi bose bakoraniye mu mwiherero i (...)

Abarongoye ibimenyeshamakuru n’abavugizi bose bakoraniye mu mwiherero i Muramvya

jeudi 26 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Uwo mwiherero watunganijwe n’ubushikiranganji bw’ukumenyesha amakuru wahuje abatwara urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi (CNC), abarongoye ibimenyeshamakuru n’amaradiyo, abavugizi b’inzego zose zigize Reta y’Uburundi uhereye ku muvugizi w’umukuru w’igihugu, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa hamwe n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi.

Mw’ijambo yashikirije ariko yugurura uwo mwiherero, umushikiranganji Serge NDAYIRAGIJE ajejwe kumenyesha amakuru yamenyesheje ko uwo mwiherero watunganijwe mu ntumbero y’ugusangira ikiyago hagati y’abavugizi n’abarongoye ibimenyeshamakuru, kugira baronke akaryo ko kuvuga umwuga hamwe n’imigenderanire.

Umushikiranganji Serge NDAYIRAGIJE yasavye abitavye uwo mwiherero ko bohanahana ivyiyumviro ngenderwako bifasha kumenya uruhara rw’umwumwe mu kwubaka igihugu mu bice vyose bigize ubuzima bw’igihugu.

"Twimirije amatora aho umurundi wese ahamagariwe guterera umuganda kugira ico gikorwa kigende neza. Twofasha iki ? Twokwifata gute imbere y’amatora, mu matora nyezina, hamwe n’inyuma yayo"

JPEG - 128.5 ko
Serges NDAYIRAGIJE (hagati), umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji NDAYIRAGIJE, amakuru ashobora kwubaka canke agaca ivutu imitima y’abantu.

« Aka ni akaryo keza kugira tuze guhanahana ivyiyumviro vyubaka, tuze ducike akarorero mu bavuga amakuru. »

JPEG - 97.1 ko
Serge NDAYIRAGIJE, umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yasavye abitavye iyo nama kuzoba akarorero mu gihe c’amatora, mu gutohoza amakuru, mu kuyandika hamwe no mu kugendera ubuntu buranga uwushikiriza amakuru n’akanovera kayo.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.