IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bari bafatiwe ibihano n’ubumwe bwa Buraya babigumijweko

Abarundi bari bafatiwe ibihano n’ubumwe bwa Buraya babigumijweko

vendredi 30 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo y’ukugumizako ibihano iryo shirahamwe ryari ryafatiye abategetsi bane b’Abarundi, harimwo babiri bo muri Reta y’Uburundi. Abo bagumijweko ibihano bagirizwa ko bafise uruhara mu ntureka za poritike ziri mu Burundi.

Abo bagumijweko ibihano vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ni Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, Général Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika, Mathias Joseph Niyonzima batazira Kazungu, hamwe na Général Leonard Ngendakumana yigeze kuba ari somambike w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba yikekwa ko ari mu bagerageje gutembaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Ivyo bihano bagumijweko vyerekeye kudatembera mu bihugu vya Buraya, hamwe n’ukuzibira amatungo yabo, kuko bagirizwa ko ibikorwa vy’abo bantu bane bigeramiye intwaro rusangi mu Burundi, canke bibera intambamyi igikorwa c’ukurondera gutorera inyishu iciye mu biganiro, mu bibazo vya poritike biri mu Burundi.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo y’ukubandanya ingingo ryafatiye Uburundi, gushika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2017.

Nk’uko bivugwa n’ubumwe bwa Buraya, ibikorwa vy’abo bantu birimwo ubwicanyi, gukandamiza abantu canke gukokeza ubwicanyi, hamwe n’ibikorwa bityoza bikomeye cane agateka ka zina muntu.

Mw’itangazo ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryasohoye, babandanya gusaba impande zose kwirinda ubugizi bwa nabi, hamwe n’ukwiyamiriza ibikorwa ivyarivyo vyose vy’ubwicanyi.


IGIHE

Messages

  • Abo nibisanzwe nibafatire ingingo ikaze ico kinyamaswa Bunyoni na Gatinya shengero Nkuru......Mwaranyiciye abanje sinzobarekurira aba DD

  • ntabwoba ivyaboni bagumane tuzobaho imana ibishaka abazungu ntacizatwababonyemwo Atari kuturyanisha uguhana nukwuhorahonaya umwana wumuntu arihenda

  • Naho ivyobihano vyafatiwe igihugu vyagumijweho, igihugu kiriho kd kirahemba abakozi baco bose, ingabo zikomeza kurungikwa hanze, amasoko akomezwa kwubakwa, bihora ubusa, abarundi bazigamwe n’iyo mw’ijuru kuko Irabakunda.

  • wewe wiyise mwajuma buzuravuga make ncuti yanje kuvuga meshi siko kuyamara nibaza igihe muburundi hari abitwa ibinywamaraso ushobora kuba urari bwavuke akabariyo mpavu uvuga nkuwarozwe

  • ivyo nibisanzwe turabimenyere rero nimutureke kandi mutwihoze kuko nubundi twaritubayeyo

  • non ubumwe bwa buraya bubaye ho ku ntwaro za bahutu? mbe hoho igihe abatutsi batwara abene gihugu bakabatwaza gafuni nabuhoro ubwo bumwe bwa buraya bwarihe? mbe igihe umututsi yica umuhutu bagataho bakabahunga ubwo bumwe bwaburaya bari he? ubu umuhutu numutusi barabanye neza rwati tubafatire ibihano aba general babahutu? Sha imana yaturemye iratubona. Asha kurwanya intambara yubujuju intambara ikomeye cane. ariko tuzoyirwanya

  • Hakutugumana nabanya Bulaya bakaguma baturyanisha twopfuma tubaheba.
    Ariko igihe nimuduhe amakuru ya Sentare ya EAC yaciriye urubanza kubijanye namatora yabaye Burundi muri 2015 nokwitoza kwa Nkurunziza.

  • Jewe ukondabibona ubumwe bwaburaya turakwiye kubufatira ibihano ruhasha maze tukabwira Imana Mushoboravyose tuti turaguhaye ubulaya ubukuremwo akogahahazo bukorera uburundi nabarundi barimugihugu cabo, kandi kubera Imana ishobora vyose vyasebikunze ibihano ruhasha kubulaya mumisi itarinwishi muzobibona.
    MBEMWAMBONEYE NIYOMBARE MURABOBAFATIWE IBIHANO NA BUYOYA BATIMWO? NDAZI KWABO BADASHOBORAKUBAMWO KUKO ARIBO BAKURU BAMABI AHERUTSE GUKORWA MU BURUNDI AGAHITANA ABARUNDI BARENGA 500 ABONTIBOBASHIRAMWO KUKO NABA BEZA KUBULAYA.
    AKARORERO BUYOYA IGIHE YIRIRWA IVUZAGAZA KUNTEBE YUBUKURU BWIGIHUGU MU BURUNDI YISUBIRIZA UBULAYA MUBONA HARIGIHANO BWAMUFATIYE? MBEMURAZIKO NABARYA BATERA AMAZIRANTIKE KA NTIBANTUNGANYA KWARI BUYOYA YARIBASHIGIKIYE NGOBAMUKURIREHO UMWANDA?
    UBULAYA NABWO MUKUMUSHIGIKIRA NTAGIHANO KURIWE NUNOMUSI.

  • MBEGA AHO MWITWAZA ABATUTSI,KONSILIYA SUMUTUTSIKAZI? BARATUZA NIKI? SINDIMWO NIKI? UMWE AMAZIMISI YAKIGWA NIZUBA MUMUHANDA NGWARI MUMYIYEREKANO NIKI? UWO VYANKIYE AVUGA NGWIBIRAGO BIRANYERERA

  • bafata ibihano dukora!tuna songa mbele

  • abobagabo bamwe bazirako bapfubije kudeta imirazi isumba guhuma kudeta. hari kwononekara vyinshi ahubwo bwitwa ubumwe b.abarundi bamwe. mbega umwarimu agiye atanga 100% kumwana yaronse. atatu 4. uwomwana yovamwo iki?barabashuka

  • Ikibazo dufise m’Uburundi ni ico. Aho abategetsi bobaye akarorero keza ahubwo nibo babintambimyi yavyonse. Umutekano muke n’agacinyizo nivyo bashira imbere! Ariko ntibokwahanura abobantu na reta y’Uburundi kugirango dushishikare kuba somambike n’ivyo bihugu. Ikibazo kinini, nuko abantu bato bato aribo kubura imfashanyo zotwanzwe n’ivyo bihugu. Abo bantu ntibadukwere ahubwo bihute gisaba ikigongwe ivyo bihugu. N’ayahandi abantu bato bato turahagwa pe!

  • yo abarund ubu turabona!Bashaka kudutwara inzahabu zacu bihenda ng inteko nvamakungu.?

  • haaaa haaa. ewe nda kugarika ukora ukusa imana uzi guhembere ibintu uriko ura korera abana bu burundi

  • None Nkurunziza Petero, nyamitwe, nabandi nabandi ntiriwe ndadondagura barindirije iki kobatabafatira ibihano ?,sinzi ico babarindiriije kabisa.

  • Eeeee!!sawa mbese ntibaribaziziko ikinyomakimara,umunsi,kitamara,umwaka muzehe nkurunziza yarababwiye ko uwuzoru kacira ruzomumwa arikontibumva, eee nabakibitekereza bavyivugane,muzehe ntibakorako.

  • Nukuri Kubwanje Sinumva Ukungene Uburundi Bwogumizwako Ibihano Kumpamvu Zabobagaba Ahubwo Bokwihanirwa Tukareka Kurwa Mumporero .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.