Abashingwamanza babiri b’Abarundi bakiriwe mu rwego rwo mu Rwanda

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 7 juillet 2017 saa 09:04
Yasomwe : 33669
0 0

Abashingwamanza babiri b’Abarundi barahiye muri Sentare ntahinyuzwa y’igihugu c’Urwanda, bahabwa uburenganzira bw’ukwinjira mu rwego rw’abashingwamanza b’ico gihugu bahungiyemwo. Abo bashingwamanza ni Armel NIYONGERE arongoye ishirahamwe ACAT (Action des Chretiens pour l’Abolition de la Torture) hamwe Isodore RUFYIKIRI arongoye ishirahamwe MORENA (Mouvement Républicain pour la Renaissance de la Nation).

Abo bashingwamanza babiri bari mu baheruka gukurwa mu rwego rw’abashingwamanza bo mu Burundi, bagirizwa n’ubutungane bw’Uburundi ko bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Armel NIYONGERE ari mu bashingwamanza bariko bafasha kwitura ubutungane mpuzamakungu, ku miryango y’ababuriye ababo bo mu bwicanyi bwabereye mu Burundi.

Iyo miryango yamenyesheje ko yiteguriye gukorana n’ubutungane mpuzamakungu, mu gutanga ivyemezo bafise kugira ukuri kumenyekane, abagandaguye abantu n’ababanyurujwe bashengezwe kandi bahanwe.


Kumenyekanisha

1
gervais gervais 8-07-2017 à 10:40

abobo basubiye iwabo iyobavuye.twari twarinjiranywe kaabisa

2
Fredy 7-07-2017 à 17:47

ntagitangaza Kirimwo Kuko Umugambi Wo Gutoba Uburundi Bari Bawusangiye Na Kagame. Arabiyegereje Ngo Bakomeze Kwica Bene Burundi .

3
BUSURAHENDE 7-07-2017 à 14:11

Mbega uwo yari yabakuye mu rwego rw’abashingwamanza yabarusha ivy’ubutungane canke ni bamwe bavyigiye mu kibira ?

4
eric 7-07-2017 à 13:13

raba ubwo bucucu namacakubiri yabanyarwanda

5
Hicuburundi 7-07-2017 à 10:57

Vyiza cane

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha