IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare bane b’intwazangabo z’Uburundi bakuwe mu kazi muri (...)

Abasirikare bane b’intwazangabo z’Uburundi bakuwe mu kazi muri Centrafrique

jeudi 22 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri mw’ikete Albert SHINGIRO yandikiye umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, mw’ikete ryahawe n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abandi, uwo aserukira Uburundi muri ONU yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe kugira ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigondoze igihugu c’Uburundi ko cogena intwazangabo zishoboye kurangura nk’uko bitegerezwa akazi zashinzwe.

Izo ntwazangabo z’Uburundi zigiye gusubirizwa n’izo mu bindi bihugu ni izahora zirongoye ibirindiro bine vy’aho mu gihugu ca Centrafrika.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamenyesheje mw’ikete yandikiye Uburundi ko ivyo bibanza intwazangabo z’Uburundi zizobigarukamwo inyuma y’umwaka umwe, naho nyene Uburundi burungitse abafise ubushobozi bw’ukurangura neza amabanga bashinzwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Mana garukira Abarundi n’u Burundi, none ko ONU itanguye kwirukana Abasoda bacu kuko badashoboye, turumva mukanya ngo u Rwanda rubifisemwo uruhara, genda DD wazanye akabi kabishe kweli

  • Hariho kumbure inyigisho bataronkejwe rero nikabe akaryo keza ko kuhakura icirwa

  • Ku bwanje ni hashirwe imbere ubumenyi ikimenyane na mpingayanje bije ku ruhande.Ivyo bitukisha igihugu n abakirongoye.

  • muboroga dukora, mwandika dukora: Uburundi bubandanya butera imbere mutarimwo. Kumbura mwemere gutwarwa nk’abandi, n’ayahandiho muzicwa n’agahinda.

  • Nta ntwazangabo n’imwe y’u Burundi idashoboye akazi. Nibavuge nyabuna icitwazo nyamukuru naho ubundi ivyo ni agasuzuguro. Ariko Imana irakunda u Burundi. Tuzoguma tubaho kandi turi abarundi.

  • ewe, reka nisekere kweri, ubwo nkurunziza aravuga ko urwanda arirwo ruri nyuma yo kwirukanwa kwabo,basirikare.erega narabivuze,reka nubu ndabisubire aba dd ntaco mushoboye buretse kwiba ivyabarundi,kunyuruza no kwica inzirakarengane, ....n’ibindi ntavuze, ehe raba, nkurunziza n’igihugu caramunaniye kugitwara ariko ukumva ariko arabesha ngo bamubaniye nabi, ariko baca umugani ngo ’’umwana baramubwiye ngo nakubite uwo yanka akabita uwo basangira’, abategetsi bi burundi kubera amabi bakora vyabatekurukana,isi yavuga ngo ni urwanda, reka nuriya mu majoro Nyandwi Sarasiel aba muri somariya agurisha ibikoresho vy’abasirikare arongoye niba musezerera muce mubwira abanyagihugu ngo nimugende mw’ibarabara mwiyamirize onu, oh mon dieu kabisa murateye isoni n’agahinda

  • namamvugangoteriyosema ubu aba dd bagirabadushire mumwobo nkifuku. muga sibose nibamwebintahanugwa bamwebintumva badakundabobarongoye . kwama babeshabanyagihugu ngogenda mumabarabara mwiyamirize onu mwumvabobantu bakomeye . ntawiyamiriza onu bamabiyemerakobakomeye nibabagumizeyoturabe . nibazindukejo mwibarabara bavyanke turabe ikibabajenuko abanyagihugu aribobahageserera

  • @Manirumva
    "...genda DD wazanye akabi kabishe kweli"

    None ko DD yasanze hamaze kurwa inkumbi zishika umuriyoni, ako kari akaryoshe kuri wewe?
    Niba ari uko uzoba uri umugesera nk’abandi!

  • yewe ibi ntabwo byumvikana aya si a makosa y’u Burundi ahubwo ni amakosa ya UN kuko abasirikare iyo bagiye kujya muri mission habaho inspection ivuye muri UN bakabanza bagasuzuma ibikoresho ndetse nu ubushobozi bw’abo basirikare nyibyumvikana ukuntu bsbibona abantu bageze muri mission.

  • Ninkuru ibabaje kuri twebwe abarundi kwumva dutanguye kwirukanwa mumakungu kandi kare twari bitumwako kandi tukongera tukaba seruka rukamve none bacumuye iki?nkongera nkavunira ingohe intwazangabo zuburundi mugihe bizew bakaja mumakungu bokorana ishaka bivuye kumutima kugirango bakundishe igihugu namakungu kugirango bamenye ko nomuburundi dufise intwaza ngabo atari ntwaza majambo ariko ntitwoca twihebura umengo ntitushoboye oya abarundi turashoboye nabo birukanwe nibihangane ntakundi vyama vyabaye ntibace bihebura imana iracabakunda kandi izoshishikara kubatangaza tuzoza turabasengera nkuko dusengera uburundi ramba musasagare mumahoro numutekano

  • Reka reka ayo ni amayeri bariko barakoresha kugira bashavuze abasirikare bacu ngo bagumuke maze abo bazungu babahe ikiraka co guta igihugu mukaga. Iyo bumenya umwe bwari ikindi. Abasirikare b’igihugu cacu ni intwari, barahinyuye ico izo nyanka Burundi zishaka. Baratahuye ko uheza kugoka ibigori bikera. Kandi ko inda ndende ihumira indya ikica akokize. Komera ntwazangabo zacu. Igihugu kizobashimira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.