IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Aberekana imideri bo mw’ikambi ya Mahama bahawe infashanyo

Aberekana imideri bo mw’ikambi ya Mahama bahawe infashanyo

vendredi 3 novembre 2017

Igikorwa co kuronsa infashanyo abo banyamideri b’abarundi cabaye mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 3 Munyonyo 2017 igihe ikinyamakuru Fashion Magazine candika ku bijanye n’imideri hamwe n’abakora igikorwa co kwerekana imideri.

Urwaruka 10 rwerekana imideri rusanzwe ruba mw’ikambi y’impunzi ya Mahama, umwe mu bagize umurwi ujejwe gurteza imbere imico n’inkino mu bushikiranganji bw’imico n’inkino mu Rwanda, umuyobozi w’ikambi nibo bari bitavye ivyo birori.

Handka Melissa umwe mu bategura ikinyamakuru Fashion Magazine yavuze ko icatumye bahitamwo gukorera mu gisata c’imideri,ar’uko ico gisata kiriko kibandanya gutera imbere mu Rwanda no muri Afrika, ari naco gituma abantu bakwiye kugerageza guteza imbere urwaruka rukora umwuga wo kwerekana imideri kuko bibafasha kwibeshaho no gufasha abandi.

Yavuze ati "Igihe twiyumvira gutanguza k’umugaragaro iki kinyamakuru, twiyumviriye ku bana baba mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama kuko aba bana bari bafise indoto nziza zo gushika ahakomeye mu myaka ibiri iheze. Bamwe muri bo bari bafise zo kuba abanyamidero no kuba abarwizatunga bakomeye muri ico gisata."

Kayitana Yvette yaserukiye urwaruka rwo mw’ikambi y’impunzi ya Mahama rufise ingabire yo kwerekana imideri yavuze ko ashimira abagize iciyumviro ko n’impunzi aria bantu nk’abandi kandi bashobora ibikorwa bishigikira iterambere.

Mwomenya ko abo bakora igikorwa co kwerekana imideri baronkejwe kandi 700000 vy’amanyarwanda yari ahejeje kugurishwa impuzu yakozwe yambarwa ku munsi w’ubugeni.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.