IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Abipfuza kwinjira mu giporisi c’Uburundi batanguye gukora ikibazo

Abipfuza kwinjira mu giporisi c’Uburundi batanguye gukora ikibazo

Tuesday 6 November 2018, by vianney

Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza avuga ko kuruyu wa kabiri hategekanijwe ikibazo co kwandika ku rwego rw’ibisongerezi naho ejo ku musi wa gatatu hategekanijwe ikibazo kijanye no kwinonora «Pratique » kururwo rwego nyene mu gihe ku musi wa gatanu ariho abo mu rwego rw’intwazangabo bazokora ikibazo co kwandika ku musi wa gatandatu naho bagakora ikibazo co kwinonora «Pratique ».

Ayo makuru avuga ko uwariwe wese yemerewe kuja kuraba ko ico kibazo kiriko kirakorwa kigenda mu muco ariko atawemerewe kwinjira mu mashure ariko akorerwamwo ivyo bibazo mu ntumbero yo kudahungabanya abariko bakora ikibazo.


IGIHE

Forum posts

  • Imenyekanisha ry ukwinjira mu gipolisi niryiza ariko mwari mukeney kuza muratubwira abakenewe uko bangana.kubera iyo dukoze ibibazo kwandika canke kwiruka biravuna ariko ntidushikigwe kubera ubwoko buba bwaserukiwe naba candidat benshi.mwari mukwiy kuza muratubwira igitigri gikenew kubwoko bumwe bumwe.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.