IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashure matomato agiye gushika mu mwaka w’icenda

Amashure matomato agiye gushika mu mwaka w’icenda

lundi 26 Munyonyo 2012

Umushikiranganji w’inyigisho mu mashure y’intango Severin Buzingo amenyesha ko umugambi w’ishure ry’ishingiro bita mu rurimi rw’ifaransa Ecole fondamentale uzotangura gushirwa mu ngiro icese mu mwaka w’ishure w’2013 ushira 2014 kuko ibibikenewe ari vyinshi bitaratungana.

Vyari vyavuzwe ko uwo mugambi wari gutangura muri uyu mwaka w’ishure w’2013 ushira 2014 ariko Severin Buzingo arongoye ubushikiranganji bw’amashure matomato buraheza kwitegura. Ariko ngo bwaramaze kurungikira Inama Nshikiranganji integuro y’itegeko rigenga uwo mugambi w’ishure ry’ishingiro, kugira iyihweze yongere iyemeze, hanyuma ice mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Ngo hari n’irindi tegeko ry’umukuruw’igihugu rikenewe. Igisigaye ngo ni ugukarihiriza ubwenge abigisha, abayobozi n’abandi begwa n’ico kibazo c’ishure shingiro.

Uw mushikiranganji Severino Buzingo amenyesha ko uwo mugambi uzoja mu ngira neza na neza guhera mu mwaka w’ishure w’2013 ushira uw’2014. Ku bimwerekeye, ubushikiranganji arongoye ngo bwaramaze guhindura urutonde rw’inyigisho zo kuva mu mwaka w’indwi w’ishure gushika mu w’icenda. Ngo urutonde rw’ivyigwa bizotangwa muri iyo myaka y’amashure uko ari 9 rwaratunganijwe mbere n’ibitabu vyaba ivy’abigisha canke ivy’abanyeshure vyaratunganijwe hakaba hasigaye igikorwa c’ukubirwiza.

Umushikiranganji Buzingo avuga kandi ko mu kwitegurira umuzo w’iryo shure ry’ishingiro igitigiri c’abana bungururizwa mu mwaka w’indwi cagiye kiraduzwa ku buryo nko mu mwaka w’ishure w’2011-2012 ico gitigiri cangana ibice 33 kw’ijana vy’abiga mu mwaka wa gatandatu ni ukuvuga abana 83.000. Uwu mwaka w’2012-2013 mu bushikiranganji bujejwe indero bakaba bipfuza ko urwo rugero rwoduzwa gushika ku bice mirongo itanu kw’ijana.

Intumbero y’ishingwa ry’ishure ry’ishingirongo ni uko abana bokwunguruzwa bose ni ukuvuga ku bice 100 kw’ijana hanyuma bakazohora bakora ikibazo kibaha uburenganzira bwo kuja mu mwaka w’icumi, buhoro buhoro ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mwaka w’indwi kikazoteba kikavaho.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.