IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasoko yubatswe n’ubumwe bwa Buraya agiye gukwiza amezi atanu (...)

Amasoko yubatswe n’ubumwe bwa Buraya agiye gukwiza amezi atanu atarinjirwa

mercredi 20 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ramadhan NKURIKIYE, umuhanuzi mukuru w’uwurongoye igisagara ca Bujumbura amenyesha ko bakirindiriye gushikirizwa mu minsi iri imbere icegeranyo c’abari ku rubuga kugira bamenye aho ivyo bikorwa vyo guheraheza iyo soko bigeze.

Uwo muhanuzi mukuru w’igisagara ca Bujumbura yemeza ko mu bikorwa bitarasozerwa, harimwo ugusubiramwo kugira haboneke ibibanza vyari vyagabanutse bitumwe n’inyubako nshasha zubatswe muri ayo masoko. Ramadhan NKURIKIYE avuga ko ivyo bikorwa bimaze gutera intambwe.

JPEG - 94.4 ko
Isoko yo mu Ruziba, imwe mu masoko indwi yubatswe ku mfashanyo y’ubumwe bwa Buraya

Haheze amezi arenga abiri umuhanuzi mukuru w’uwurongoye igisagara ca Bujumbura ashikirije ko amasoko yasubiwemwo azoba yinjiwe ku mugaragaro mu ntango z’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2017, ukwo kwezi kukaba gusigaje iminsi cumi n’umwe. Nta rindi sango ry’ukwinjira ayo masoko ritangwa n’uwo muhanuzi mukuru wa Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

Tubibutse ko ayo masoko yasubiwemwo ari indwi, isoko yo mu Kinama, isoko yo mu Ngagara, isoko yo kw’i Jabe, isoko yo mu Kanyosha, isoko yo ku Musaga, isoko yo mu Kinindo hamwe n’isoko yo mu Ruziba yubatswe gushasha. Yose hamwe yubatswe ku mafaranga arenga imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amanyaburaya, ayo yose akaba yatanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

Amezi agiye kuba atanu ubumwe bwa Buraya bwubakishije ayo masoko buyashikirije uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura. Umunsi ayo masoko ashikirizwa ku mugaragaro abategetsi b’Uburundi, kw’igenekerezo rya 10 Myandagaro 2017, Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yamenyesheje ko umurwi ujejwe gutanga ibibanza muri ayo masoko ugiye gutangura akazi kawo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.