IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatunga y’abategetsi yavuzwe mu nama mpuzamakungu y’ukurwanya (...)

Amatunga y’abategetsi yavuzwe mu nama mpuzamakungu y’ukurwanya ibiturire

samedi 11 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME avuga ko ivyo kurwanya ibiturire mu Burundi bikiri mu majambo, uwo arongoye OLUCOME agatanga akarorero k’amadosiye batanze, ariko bakagiriza Reta ko ataco yakoze kugira abarya igiturire bashobore guhanwa. Umukuru wa OLUCOME yemeza ko n’mategeko yashizwe ari ayakingira abarya igiturire.

Mu ntambamyi ziri mu barwanya ibiturire mu Burundi, Gabriel RUFYIRI avuga ibijanye n’ugushikira amakuru ajanye n’ivy’igiturire bigoye kuko vyose babinyegeza. Atanga akarorero k’ivy’ugucukura ubutare bitavugwa ku mugaragaro. Asaba ko hojaho itegeko rikingira abarwanya ibiturire, hamwe n’amategeko ajanye n’ukwubahiriza ubwigenge bw’ukugira amanama.

"Twasavye ko twogira urugendo rw’amahoro rw’ukwiyamiriza igiturire hamwe n’ukwisonzesha ariko Reta yaravyanse.", ivyo ni ibishikirizwa na Gabriel RUFYIRI.

JPEG - 104 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Inyuma y’iyo nama, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko ibihugu vyari vyayitavye vyahurije ku kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu bw’ukuronka amakuru, kwubahiriza uruhara rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu kurwanya ibirurire.

Mu vyavuye muri iyo nama kandi, n’uko gushika mu mwaka w’2019, ibihugu vyateye umukono kuri ayo masezerano y’ukurwanya ibiturire bizoba vyamaze gutangura kwubahiriza ibijanye n’ukuvuga amatunga abategetsi bafise imbere y’ukwinjira mu mabanga baba banshinzwe.

Reta y’Uburundi yaserukiwe n’intumwa zitatu zirongowe na Serges NDAYIRAGIJE, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye. Amashirahamwe nayo adaharanira ivyicaro vya poritike yaserukiwe na Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME.
Inama mpuzamangu ihuza ibihugu vyateye umukono ku masezerano yo kugwanya igiturire yatanguye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 gushika igenekerezo rya 10 Munyonyo 2017 ku mugwa mukuru Vienne mu gihugu ca Autriche.

JPEG - 118.1 ko
Uburundi bwaserukiwe n’umurwi w’abantu batatu barongowe na Serge Ndayiragije, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye (hagati)

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.