IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Umukuru w’igihugu agiye kuduza amatagisi ku vyuma vyinjira

Amerika : Umukuru w’igihugu agiye kuduza amatagisi ku vyuma vyinjira

vendredi 2 mars 2018

Amakuru ya BBC, amenyesha ko igihugu ca Canada n’ibihugu vya Buraya vyavuze ko bigiye gushikiriza ingingo zihagarika ayo matagisi mashasha, mu gihe Mexique, Ubushinwa na Brésil bivuga ko biriko biraraba ingene vyoshiraho ingingo zo kwihora.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu Donald Trump yanditse avuga ko Amerika yishwe n’urudandazwa rutunganijwe nabi na poritike mbi.

Yavuze ko amakori y’ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" azoja kubice 25%, ivyo mu bwoko bwa "aluminium" ku bice 10%.

Abanegura uwo mugambi bavuga ko ayo makori mashasha atazokingira ubuzi bw’abanyamerika, kandi ko azotuma ibiciro biduga ku baguzi.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.