IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Barya bantu bahawe agateka k’abanyamahanga kandi ari abarundi’’ Hon (...)

"Barya bantu bahawe agateka k’abanyamahanga kandi ari abarundi’’ Hon BANCIRYANINO

vendredi 11 Myandagaro 2017

Umushingamateka Fabien BANCIRYANINO avuga ko bigoye gutahura ingene hari abari muri zone ya Rukaramu ihana urubibe ku metero nkeya cane n’agace ka Kagaragara, ariko ababa mu Rukaramu batirukanywe.

Uwo mushingamateka yatowe mu ntara ya Bubanza avuga ko bidasiguritse ingene abanyagihugu bo mu Kagaragara birukanywe mu matongo, kandi mu nyuma vyaciye biboneka ko hari bamwe mu basirikare n’abaporisi bo ku rwego rwo hejuru baciye bahakorera ibikorwa.

JPEG - 53.1 ko
Hon Fabien BANCIRYANINO yatowe mu ntara ya Bubanza

Umushingamateka Fabien BANCIRYANINO abona ko abo banyagihugu bo mu Kagaragara batswe uburenganzira bwo kuba abarundi.

Agira ati : «Uwoja kwirukana abatari abanyabubanza hosigara bake mu ntara. Abanyagihugu bo mu Kagaragara bahawe iteka ry’abanyamahanga kandi ari abarundi

Ku ruhande rwiwe, umukuru w’inama nshingamateka akaba n’imvukira y’intara ya Bubanza Pascal NYABENDA asigura ko nk’abatowe n’abanyagihugu bazoraba uko bavugana na Buramatari w’intara ya Bubanza kugira barabe icokorwa ku neza y’abo banyagihugu bo mu Kagaragara.

JPEG - 96.8 ko
HonPascal NYABENDA,umukuru w’inama nshingamateka

«Turi kumwe n’abandi bashingamateka batowe mu ntara ya Bubanza, tuzoja hamwe turabe aho tubashira

Umukuru w’inama nshingamateka yavuze ko ikibazo c’abanyagihugu bo mu Kagaragara kizotorerwa umuti bafashanije n’umuhuza w’abarundi.

Ikibazo c’abanyagihugu bakuwe mu matongo mu Kagaragara, muri zone Buringa, Komine Gihanga y’intara ya Bubanza, ni kimwe mu bibazo vyagarutse cane mu gihe umuhuza w’abarundi yariko ashikiriza abashingamateka ivyaranguwe mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.