Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushimira MUSEVENI na MAGUFURI

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 3 Ruheshi 2017 saa 12:15
Yasomwe : 58023
0 0

Abantu isinzi bitavye kuri uwu wa gatandatu imyiyerekano yatunganijwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, ikaba yari iyo gushimira abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko baheruka gushigikira Uburundi mu nama y’abakuru b’ivyo bihugu iheruka kubera i Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.

Abitavye iyo myiyerekano bahuriye hafi y’ingoro y’umugambwe CNDD FDD, bafata ibarabara ribashikana mu gisagara ca Bujumbura.

Abari muri iyo myiyerekano bavuga ko bashimiye umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni, hamwe n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe MAGUFURI.

"Turakengurukiye cane abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, na cane umukuru w’igihugu c’Ubuganda n’umukuru w’igihugu wa Tanzaniya ku ngingo nziza bafashe y’ugusaba ko abanyaburaya bafatiye ibihano vy’akarenganyo Uburundi bobifuta kugira ibintu bigende neza."

Muri iyo myiyerekano, abo bakuru b’ibihugu basabwe ko bokwicarira ikibazo c’amatati ari hagati y’Uburundi n’Urwanda.

"Turasavye kandi ko abo bakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bokwicarira vuba ikibazo c’amatati ari hagati y’Uburundi n’Urwanda, kugira ngo twibanire neza, na cane cane ko Uburundi bwamaze kubashikiriza ico kibazo."

Umuhuza mu bibazo vya poritike y’Abarundi yasabwe ko ivyo biganiro vyotahukanwa kubandaniriza mu Burundi, abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi nabo bashikirizwe ubutungane bw’Uburundi.

"Dusavye ko ibihugu vyose bicumbikiye abagomvye gutembagaza inzego z’igihugu kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 vyobashikiriza ubutungane bw’Uburundi. Dusavye kandi umuhuza ko yotahukana ibiganiro bihuza Abarundi bibera hanze kugira ngo bisozerwe vuba nk’uko yavyiyemereye, kuko vyotuma uburyo bukenewe bugabanuka."

Muri iyo myiyerekano, indirimbo z’ugushimagiza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nizo zasamirana.


Kumenyekanisha

1
karimu 5-06-2017 à 10:15

Bagombe bashimire n’u Rwanda nyene narwo rwarasavye ko u Burundi bwova mu bibazo biteye isoni bwishizemwo

2
rekha sha 4-06-2017 à 23:29

Ntanakimwe dusaba, vyose turashobora kuvyikorera kubera twarikukiye.

3
WAKERA 4-06-2017 à 11:11

Mbe izi mbonerakure bamiza mumabarabara kubera buruguri ntizibonako zigenzi zabo batanguye kuzigandagura! Mbe uwatembagaje ubutegetsi ninde kwaruwo yasenyuye ibwirizwa nshingiro! Nibareke kwiha amenyo y’abatwenzi!

4
Kizerbo 3-06-2017 à 13:45

Murambwiye Rero Ibintu Bigiye Kugabanywa Ibiciro

5
kamariza 3-06-2017 à 12:34

Izo Mbonerakure Za Shimiye Museveni Na Maguhuri Bazobaha Iki?Mutarets Kwicana Uburaya Ntibuzobakurako Ibihano Hama Muhungure Impunzi Naho Ivyo Nuguta Umwanya

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha