Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ishirahamwe PAM rigiye gusubira gutanga imfungurwa inyuma y’imyaka (...)
Burundi : Ishirahamwe PAM rigiye gusubira gutanga imfungurwa inyuma y’imyaka ibiri
jeudi 3 Myandagaro 2017, par
Mw’itangazo ry’ishirahamwe mpuzamakungu PAM ryo kuri uwu wa gatatu, bamenyesha ko abandi bazohabwa izo mfungurwa ari abana b’impfuvyi, abana ba ntahonikora hamwe n’abakenyezi n’abana bo mu mugambi ufasha gukingira umugera wa SIDA ku muvyeyi yokwandukiza umwana yibungenze (PTME : Prévention de la Transmission Mère-Enfants).
Imyaka ibiri niyo yari iheze ivyo bifungurwa bidatangwa, kubera ikibazo c’uburyo bwari bwabuze, nk’uko bishikirizwa na PAM.
Biciye mw’ishirahamwe ritabara imbabare mu Burundi Croix Rouge, izo mfungurwa zigiye gusubira gutangwa mu ntara zose zigize Uburundi.
Egide NDUWIMANA