IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi : Abantu batatu bahitanwe n’isanganya

Bururi : Abantu batatu bahitanwe n’isanganya

lundi 31 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu batatu barapfuye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, bahitanwe n’isanganya ry’imodoka ryabereye mu ntara ya Bururi.

Abo bitavye Imana ni intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi afise ipete rya Major, umwigisha wo kw’ishure ryisumbuye rya Bururi, hamwe n’umutamakazi atamenyekanye kuko ata bimuranga yari afise, nawe nyene akaba yari muri iyo modoka.

Imodoka benshi bita "Kagongo" yariko yunguruza abo bantu iriko ija i Bururi, yagonganye n’imodoka bita "FUSO" yariko imanuka mu Rumonge.


IGIHE

Messages

  • Imana ibakire mubwami bwayo turhojeje imiryango yabuze bakomeze kwihangana

  • Ubwo wewe ga tari urazi ivy’ubwami bw’Imana? Ivyawe n’imana yawe turabizi.

  • Mpojeje Umuryango Wabuze Imana Iwuje Imbere

  • Imana Nibakire Ntakundi Gusa Abobashoferi Baze Baragabanya Umuvuduko

  • Nukur ababuz nibihangane kuko kwisi niko bimez kandi IMANA ibakire mubwami bwayo

  • TURAHOJEJ IMIRYANGO YABUZ IMANA IBAKIR.

  • Ntakundi Nukwihangana kuko Icuma Ntigiseze rana Imana Nibakire Ariko abasigaye Bakababako Ra Igishoferi bagabanye Umuvuduko

  • Nkuko Abandi Bamaze Kubivuga!Nukuri Icuma Ntikiguteguza Ko Kigira Kigute Hasi.Rero Umusi Warwo Ugeze Ntituburanana Bakomeze Kwihangana Turi Mwisi Ariko Tumuntu Ntashobora Kugirirwa Ikigongwe Yapfuye!Ivyo Mubimenye Imana Ihamagara Umuntu Akiri Muzima Ngo Ayikorere!

  • Imana ibakire mubwami bwayo, hamwe ataco boba bagira imbere y’ Imana. Amagari twirirwa turayirukanza mumabarabara ariko nurwembe, urashobora kuburiko uratwaza mumategeko, umudereva mugenzawe akaza nkuwasaze kukwitamwo ! aho habasigaye Imana yo nyenegusa. Iconosaba abajejwe amabarabara ,nuko boshira kumabarabara ivyerekana isupidi, umuntu ashobora kugiramwo, nogushira amakamera kumabarabara canecane mubisagara. Ivyo narabibonye murwaka wi 2000 Mubwongereza nagiyeyo kuramutsa My freands, bavuye kuntora kukibuga, bararengeje kwiruka ubwonyene baribamaze kufotorwa. mudwi imwe ikete yarishitse kuri bwate post yabo yamahera bazoriha ya mande. None ababa PORISI birirwa barizerereza nugutoteza abenigihugu, bohabwa igikikorwa cokuja kumabarabara namakamera yabo bagatena kabisa, vyogabanya kwiruka cane, hamwe nibiturire vyokumabarabara, kuko kamera ntihabwa igiturire.Nkanakebura benewacu dusazwe dukora uyumwunga wogutwaza,imodoka ntamumenyerano, twaza guhera 50 mugisagara, inyuma yi gisagara warengeje 100, iyumaze kurenza ugashika kurisupindi 150 nokurenzaho ubawiyahuye, bizokugora nuburyo wo shobora gufata amafire igihe imbereyawe haje ikibazo icaricocose. Birashika abutwaye bakakugora ngo niwiruke baracarerewe, zibira amatwi, nukuri ndababwire ibitutsi turabitukwa ariko hakonsiga abana kungoyi noshika ntevye, hari nabandi babishima kubatwara bukebuke,Murakoze.

  • pore sana kumi dyago yabo imana ibakire uwomutama barondeze umu dyangowiwe bamuzike

  • imana ibakire mubwami bwayo kandi ibashe iremesha imiryango yabuz

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.