IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Abantu indwi bakomerekeye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

Bururi : Abantu indwi bakomerekeye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

vendredi 16 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu indwi barimwo abaporisi batatu bakomerekeye mu gitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, mu ntara ya Bururi, kw’ihoteri bita "Phoenicia". Mu giporisi bavuga ko abakoze ico gitero ari abantu babiri bari bitwaje inkoho. Abagera kuri 20 akaba aribo bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, aho abantu babiri bitwaje inkoho barasa mu bariko banywera muri "Hôtel Phoenicia", mu ntara ya Bururi. Mu bakomerekeye muri ico gitero harimwo icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Bururi, uwutwara igendereza muri iyo ntara, hamwe n’umwe mu baporisi bacungera uwo atwara igendereza muri iyo ntara. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akamenyesha ko atawokwihutira kwemeza ko abateye barondera abo baporisi. Ahubwo OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko ari igitero c’iterabwoba cakozwe. Abakomeretse bose bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Bururi.

JPEG - 106.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu giporisi bavuga ko abakoze ico gitero babanje gutera gerenade zibiri, mu nyuma barasa n’inkoho zo mu bwoko bwa Pistolet. Baciye bacunga bafashe inzira ija kw’isoko, ari naho hafatiwe abantu bagera kuri 20, ku mvo z’amatohoza.

Mu giporisi bakavuga ko abakoze ico gitero bashobora kuba bari muri abo bantu 20 bafashwe.


IGIHE

Messages

  • abarundi bose uwasgaka kubica yobasanga mu ma Bar, naravuze ko mutazi gucungera umutekano none nkibururi muziko hatameze neza, abo bayobozi binzego zumutekano Bose birundira mukabari atanabantu basigaye hanze bacungereye umutekano, niyo baba batambaye impuzu zigipolice ariko bafise inkoho zibyegeje. muzaze ngaha mu Rwanda babigishe uko bacungera umutekano, ucungera umutekano si uwambaye impuzu zigipolice gusa kandi ntagenda ahantu hose avuga akazi akora kugira bamutinye canke bamugurire ibiyeri. abarundi muri ibijuju kabisa, amahoro ararondegwa hanyuma agatsimbatazwa mugabo bisaba ubwenge bwinshi cane apana ubwiyemezi.

  • abarundi bose uwasgaka kubica yobasanga mu ma Bar, naravuze ko mutazi gucungera umutekano none nkibururi muziko hatameze neza, abo bayobozi binzego zumutekano Bose birundira mukabari atanabantu basigaye hanze bacungereye umutekano, niyo baba batambaye impuzu zigipolice ariko bafise inkoho zibyegeje. muzaze ngaha mu Rwanda babigishe uko bacungera umutekano, ucungera umutekano si uwambaye impuzu zigipolice gusa kandi ntagenda ahantu hose avuga akazi akora kugira bamutinye canke bamugurire ibiyeri. abarundi muri ibijuju kabisa, amahoro ararondegwa hanyuma agatsimbatazwa mugabo bisaba ubwenge bwinshi cane apana ubwiyemezi.

  • Ko mwibagiwe kutubwira ko ari u Reanda rwabatumye? Uyu muvugizi bibagiwe noneho kubi mwandikira?

  • Wowe wiyise Nkurikiye , ndakumva gose, mugabo ico womenya nuko abo bagabo bahoze mwishamba ari impabe muvyo kurya no muvyo kurya ncuti,bagomba kwiriha aho bari barashonje!Bamotewe nakanyama!!!!!!Huuuuuuhaaaaa!

  • Nkulikiye ko yibagiwe kuvuga ko batumwe n’u Rwanda?ikibazo ni rwacu twebwe Abarundi, ntimukabeshere Abanyarwanda

  • AHO NISAWA.IGIHUG NICOGIR ABAGAB NKAB.IKIBABAJE NUK BIHERER MUMTATOHOZ.

  • Jewe nta politike ngira, ariko nkurikije ibirere bivugwa bibera mu muri Bars abantu bariko baranywa, wosanga ari Imana ibereka ko abarundi bakwiye kwihana ibiboreza.Gukunda inzoga no kugorobeza mu kabare biriko birahitana benshi .Kandi ntibihesha Imana icubahiro. Gupfira mu kabare ntibisiga umugani mwiza. Mana yacu uduhe kwihana no kwirinda kunywa ibiboreza

  • Jewe nagira nabahanganye nabajejwe umutekano bu Burundi bakabanza bakabereka icobize.
    Ivyovyovyo vyogukora ubwihevyi nkubwo ukacawiruka ntanahamwe bidakorwa mubihugu vyokw’Isi.

    Jewe abonigeze kwemera nibamwe batera Cibitoke na Kayanza kuko abajejwe umutekano wuburundi baciye baronka akaryo kokwerekana abobaribo.

  • Ega Nabakozi Bakagame Bizwi Ugira Hariho Uwundi Agiteyisibe ?

  • Muri,yimisi,irangiza,umwaka,muragabe,mube,muja,kumywera,mumihana,yanyu.Na,al,shabab,izotegera,mububare,izobatsindayo.Ntawushaka,agateka,atekeye,muvyatsi.

  • @proud to be Rwandan : None wa gihunyira we ninde uyobewe ko abo bicanyi batorezwa hano i Rwanda. Nukuri uri igihunyira cy’icyomanzi.

  • Uwo avuze ngo uwokwica abarundi ngo yobasanga muri bar? baragushuka uraz uzorabe kutahabonera.

  • Uwo avuze ngo uwokwica abarundi ngo yobasanga muri bar? baragushuka uraz uzorabe kutahabonera.

  • Reta iraraba ingene ihigira abacungera umutekano vy,abihuzu ,n,avyabiduga bitamenwa n,amasasu.Harya bari kuri mission y,ukwica abo bategetsi, noneho umuntu apfa umusi wiwe wageze.Birababaje kubona abantu batobato hakuronderera kazoza abana babo aruguca ingero gusa yokwica,bigatuma n,abana babo bazokurana ingeso z,abase kubera bataziganirijwe .

  • Jewe Nibaza Ko Boronderera Murabonyene

  • Demain les vendeurs du genocide vont manifester. à. Bruxelles contre le gouvernement Burundais. Il s’agit d’Ibuka, les criminels Sindumuja et leurs pions blanc .

  • Abo bacuruzi ba genocide ngo ni ibuka nibagumane itunga ryabo mu Rwanda abarundi ntaryo bakeneye.

  • Iyo nyega yanyu niyo izobamara. Mwama mu bubare aho gucungera umutekano w’igihugu, reka ba bamate kuko muzi kunwa primus conyene. Muri imihimbiri.

  • egosha nkuru yikiwani tubwire ikiwani cunomuusi naco

  • Nabo Baporisi Bakwiye Guhanwa Abandi bacungerera Umutekano Muri Hotel?

  • nkurikiye no 1
    murubwo bwicanyi uri no 1 urabizi nawe ;nta Murundi akeneye kwiga ubwo bwicanyi bwanyu;nabo muriko mubwigisha ;ntambaraga bagifise na kagame zamuheranye ;tuzoreba mumisi iza:hilaly clinton na clintoni inkokora zavunitse ;
    Namwe nyine ni makombokombo marupurupu wakati wenu umekalipiya ;ucokoza rukere mumwobo ikakunyara muryahumye rikagirirako ;utubatse urwe ntiyubaka urwundi ;kajisemeye mwisho wako utanyamaa.....karibuni na ubwege wako mwisho utaelekea

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.