IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI yipfuza ko amatora yo mu mwaka wa 2020 atunganywa n’uburyo buvuye mu (...)

CENI yipfuza ko amatora yo mu mwaka wa 2020 atunganywa n’uburyo buvuye mu gihugu

mardi 24 Nzero 2017

Mu mubonano wahuje umurwi CENI,abajejwe intwaro,abaserukira amashirahamwe adaharanira vyicaro vya politike,imigambwe hamwe n’abajejwe umutekano,Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko abarundi bategerezwa gutahura ko umurwi utegura amatora uharura amajwi gusa ariko abatora aribo bafata ingingo.

Muri uwo mubonano Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko abarundi bakwiye gutahura ko ,kudasangira ivyiyumviro vya politike bidasigura kuba umwansi,ariko ko ari ubutunzi kuko bifasha mu kwungurana ivyiyumviro.

Pierre Claver NDAYICARIYE amenyesha ko mu gihe umuntu adashimye ivyavuye mu matora adaca afata ibirwanisho,ahubwo ko inzira nziza yo kuronka inyishu no gutunganirizwa ari ukwitura ubutungane.

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora amenyesha ko umwaka wa 2015 wabasigiye ubutumwa bukomeye ari naco gituma,bipfuza ko amafaranga yose yokoreshwa mu matora yo mu mwaka wa 2020 yova mu gihugu .


IGIHE

Messages

  • Uwuhaze ntabura kwayura harumusi muzayuzwa ibitambi biturike ububukene buri mugihugu buzohera siko bizokwanda abamenyeye gutungira muvya politike azohera muhereke ndavuga simvura!

  • Vyiza cane ,kwishakamo ubushobozi nico ciza abazungu ntibazadusuzugure.

  • VYUKURI; AMAFARANGA YAMATORA YOKWIRA AVUYE MUGIHUGU! ATAYAVUYE HANZE? DUSENGE TUHAGERE! TUZOBIRABA!

  • Ariko? Mbe ubu bukene bwokora amakara bugata mwebwe nti mububona? Abanyagihugu bazoyakura he? Nako mwebwe murarya mugasigaza abarundi benshi batubitse uwavubi, bariko baricwa n’indwara na kigoyi, hanyuma namwe mukivugira ayo mushatse.

  • We sha niwe watumye abarundi barwa mu bibazo kubera ubukunzi bw inda

  • Uvuze neza cane, kuko mumwaka uheze twirondeyemwo amahera yamatora igikubiriraho vyaratuvuye kubwokubera twashaka Democratie twashaka ko itoduca mumyanya yintoke.
    Kuko myarabinye ivyotwaritwizeye vyohanze ukuntu babitwimye kununota wanyuma kubera bashaka ko Democratie yoduca mumyanya yintoke arikotwarabankiye.
    Ndasavye mutangure mushireho ikigega kijejwe amatora muriyimyaka 3 isigaye kugira amatora abe 2020

  • Niyutaba wavuga wagikoresho cankurunziza! muragowe Imana izobabaza vyishi, izinga zirirwa ziratikira ziharurwa kugatwe kawe, hamwe nabo mufatanije kugifukama munda.

  • N’ukuri umugwi uegura amatora mu Burundi,ntaco Udakora Kugira Amatora Ntabemwo Agasembwa.Nk’igisabo canje:Mumbwirire Mutama anyibuke,kuko ndamuzi neza ngiye gutangura 7ème i Buye Mumwaka wa 1982,ndi kw’ishule muhira iwabo bamfata neza cane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.