IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Imirwi yose izokina igice ca kane gishira ica nyuma iramaze (...)

CHAN2018 : Imirwi yose izokina igice ca kane gishira ica nyuma iramaze kumenyekana

jeudi 25 janvier 2018

Mu murwi D,umurwi nserukiragihugu wa Angola waraye usanze umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville inyuma y’urukino rwahuje iyo mirwi ikanganya ubusa ku bundi.

Inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma zigiye gukinwa uku gukurikira :

Ku munsi wa gatandatu, ku kibuga ca Casamblanca, Maroc izotana mu mitwe na Namibiya, nayo Zambiya ikazokina na Sudani ku kibuga c’I Marakech.

Ku munsi w’Imana, Congo Brazaville izokina na Libiya ku kibuga ca Tanger, Angola nayo itane mu mitwe na Nijeriya ku kibuga ca Agadir.

Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma, zikaba zitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 31 Nzero 2018, urukino rwa nyuma narwo rukazoba kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018 ku kibuga co mu gisagara ca Casablanca


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.