IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNIDH : Ivyaha vyakozwe birabwa na Sentare zo mu Burundi

CNIDH : Ivyaha vyakozwe birabwa na Sentare zo mu Burundi

samedi 5 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH) umenyesha ko wakurikiraniye hafi ingingo yafashwe n’Uburundi y’ukwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Kubw’uwo murwi, iyo ngingo ntiyerekana ugupfukira ivyaha vyakozwe canke bizokorwa, ahubwo ni akaryo keza ku butungane bw’Uburundi hamwe n’izindi nzego, ko gukora amatohoza ko bugizi bwa nabi bwabaye.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru wa CNIDH asaba ubutungane bw’Uburundi hamwe n’inzego zijejwe gukingira agateka ka zina muntu, ko zorwiza inguvu mu bikorwa vy’amatohoza yigenga, ku mabi yakozwe.

PNG - 424.8 ko
Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH

Muri CNIDH bamenyesha ko ata bugizi bwa nabi bwakozwe mu Burundi bukwiriye ko Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yokwiturwa. Nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’uwo murwi, ntibisigura ko ata bugizi bwa nabi bwakozwe, ahubwo akavuga ko ubungane bwo mu gihugu c’Uburundi bwari bukwiye gukomezwa kugira butanguze amatohoza yigenga.


IGIHE

Messages

  • Sinakugaya ahubwo ngaye akazi ukora mbega wavuga vyiza turazi yuko ukorera Nkurumbi ni nawe waremye ivyo vyanduka NGO na mashirahamwe turasaba amakugu kugara amarobine ndaba amarera Nkurumbi Yama abaha iyo azayakura ivyo wama washikirije ako karimi gaca gahera uzihindure nizina wite ishirahamwa ryiwawa DDCNDH urikijuju urishirahamwe rya Nkurumbi na Nyamitwe na Bunyoni

  • iyobaguherako nihowamenyako atabugizi bwanabi bwakozwe muburundi

  • mwe ntimwigenga?Tanga icocegeranyo mwizo nzego muvuga!nimba mutigenga naho mutahe mukorere Imana!mukubesha ki vyose vyera mugihugu!ryaraguye mugihugu basha!

  • Izina niryo muntu uriko Uribonekeza kweli,CPI iri maso, cakira

  • Mubisanzwe iyo muvuga aboja irahe burya mubona hagati yabashigikiye leta nabateye cout d.etat hojayo bande?haragera igihe iyo abantu bamwebamwe iyo bashikirije ivyiyumviro usang umengo haraho bibaza ko imana aribo yahaye ubwenge bwokwiyumvira.mbe agateka kazina muntu kahungabanye muburundi mwe mukarabira kuki?umuntu ntakivune umwansi yatewe?nimba amakambi yari yatewe,cout d.etat igaterwa,imirwi iva murwanda ikaza gutera muburundi mwasha bace batora isimbizo babaheke mumugongo?nimba barya ba jeune bariko baratera grenade mwashaka kugira abatuze bigende gute?ivyabaye vyategerezwa kugenda kurya vyabaye kuko ntayindi choix iyo mujeri zisaze bazahira agati.burya hazogira igihe abo mwirirwa mujana kw.ibirego imana ibahane hama mupfe rubi mwese nakare nimwe mwakoze munyo umutware wacu iyo atahabera umuhinga ndazi ivyo mwari mwateguy kwari ukumugira nka ndadaye.nimuvyimbe mwanashaka mumeneke imigambi yanyu yaramenyekanye kumbure mwemere tubane uku nyene kuko ntaho tuzoshirana

  • Yemwe yemwe Jean Baptiste BARIBONEKEZA ni nde yabaroze! musigaye mumeze ukwo mumitwe? ngo ntamabi yakozwe ngaha muburundi yokurikiranwa na sentare Mpuzamakungu!,nukuri musigaye muteye isoni. Abantu ibihumbi nibihumbi bamaze kugandagurwa, sha urazi kwica cisha inkoho, na majambo yo gukora munkovu abomwahekuye cabisa, iyuba womaze imyaka 100 sha,wewe ntanivyagateka kazina muntu wize. Icowize nugukingira abicanyi, na yivyuvuga umengo bivurwa nuwutegeze abona amabi ya korewe abenigihugu, ndakubwizukuri Jean Baptiste BARIBONEKEZA, ntabutungane ngaha, muburundi buriho bwokubahuka, NKURUNZIZA PETERO,NABUNYO, NANYAMITWE nabandi beshi bafatanije mugusesa amaraso yabenigihugu. Kuva mwiyo sentare mpanavyaha, ninzira yo guhunga, kuko bazi ivyo bakoze birengeye ubutungane bwahano muburundi, noneho nuwohirahira rwarariryogoye rwagomba ahane abategetsi bahano muburundi kumabi bakoze niwomusi barara basezeye isi.

  • NIMWIHANE AREKE KUVUGA IVYABONA KOMWAHUNZE AMAHORO NIMUBE MURYA AMANYARWANDA KUKO NIMWAYAHAGA MUZOTAHA CANKE MUTERE KUDETA KAGAME IRIGE NUKO MWARIJE MUBURUNDI MUVA MURWANDA NONE MWARATASHE KAGAME ARATEGUMUTWE IKIBI MURAKIZI

  • Aho bigeze harakenewe intwaro nshasha yoza gufuta ivyo vyaduka vya Nkurumbi ngo n’imigwi y’igenga ataco imariye abanyagihugu birigwa baricwa ,uyo Baribonekeza nawe amenyejo azogenda ajanye n’aba bagabo

  • Ivyirahe biri mubintu bikurubikuru kuva kera opposition yari itingiyeko muti gute,muribuka ko babanywarumogi ko baririmba ngo nkurumbi yihenze akitoza ngo azoja irahe ugira nivyo bari bose muma bere ko bose baririmba ngo irahe?mbe mwibaza ko ivyo mwari mwapanze ko mwifuza gusenyura umugambwe cndd-fdd na leta iwukomokako wose wibaza ko bitamenyekanye?mbe mwibaza imitahe yose mwari mwatanze mufatikanyije na ba louis michel yose yo gufatisha indongozi mushaka mubona ziciye ubwenge zose kugira hasigare ibihweba gusa bizoborohera kugurira umugambwe mwibaza ko bitazwi?ninde atazi amabi yose mwagiye mukorera igihugu eehe mama ngo ni muchezo wandani?uko biro kose ubu ivyanyu naho mwofashwa vyogenda gute bizogorana ko comfiance mwataye izogaruka.bamwasamira hiyo

  • Mbe Ko AMuvuga Nkurunziza, Bunyoni Na Nyamitwe Buyoya Yishe Melchiol Ndadaye Akica Nabanyagihugu Indiri Baba Hutu Ivyo Yabikora Iyo Sentare Mpuzamakunzu Ntiyariho Igatako Ikamuha Indaro 1972 Gushka 2000 Abahutu Bacugwa Bufuni Na Buhoro Iyo Sentare Yarihe ? Igumire Kwa Kagome Mumukubite Coup D’ Etat Kuk Murabizi, Ndabarahiye Umututsi Gusubira Kub Prezida Sumu Kabisa Nubu Nkurunziza 2020 Tuzomwemeza Hama Mwiyahure Mwamenyeye Kurya Mudakoze Pu!!!

  • erega ntiwavuze nabi reka intahe abakoze ivyaha izobakubita mugahanga kuko abo bari kubutegetsi ntabazokwama ho ivyo bakoze bazobibarizwa muburundi nka simone bagbo ,nakare babanze baribwe ni bihere au lieiu yo kuja kurara mumashuka meza ila haye bahembwa uraraba laurent bagbo ingene asa ahubwo ubu niho aboneka gusumba ari president nayo simone umengo akuka amase , rero nibabarizwe iwacu bazovyishurire muburundi.

  • Vugane Imitima Munda Hama Mwubahe Abaganza. Democratie Yarashitse Ntigisubirinyuma . Uguhindura Inzego Ni Amatora. Tugire Ubutungane Democratie Niterambere! Abarundi Turashoboye Ingo Dukundane Tugire Ubumwe Twamirire Kure Inabi Aho Iturutse Hose Tutaravye Uwayikoze Nubwoko Bwiwe.

  • Daniel, mbega kuvuga ngo nibarye amanyarwanda, nibayahanga bazoheze bagaruke, nkubwizukuri abahungiye murwanda barakurajishinga!, mbe uwanditse wese ibitagendaneza abari Murwanda? nkubwizukuri murabo urikuravuga ngo bihane, harimwo abagororotse bagusuvya gukizwa, noneho weho ntani Mana usazwe wi menyera !kuko nimvugo yawe irakuranga yuko wa nyuzwe namacakubiri.

  • Muburundi Turafise Abacamanza Nibakore Bakurikije Amategeko Ntibisunge Ubwoko Cankimigambwe Canke Intara.Ariko Bisunge Amabwirizwa Yimana Handitswe Ngo mukundebagnzibanyu Nkuko Mwikunda. Hana Amakosa Ntimuhane Ubwoko Canke Imigambwe

  • Mwabantu Rekaguterana Amajanbo Tererana Amasengesho Musengere Uburundi Ibindi Nisu Abizi

  • nukuribirateyagahindakubon umuntuyifatiramugahanga umutegetsi akamutyoz ukoyishakiye. jewebirambabazacane. arikontakundi nibavuge bazozirakarimikabo

  • Ewe NSAGUYE Andrea abobategetsi uvuga nibo bavyiteye, nguwigize igikutso bamuyoza umwavu, nayumutegetsi, agateka niwe akiha.

  • j batiste baribonekeza ntamugwi wigenga ujejwagateka ka zina muntu arongoye ahubwo arongoye umugwi wigenga ujejwe agateka k’ibiyeri.kuko nivyakunda.jekwintambara yampitanye ikanantwarijisho sindumuntu?apana CNDH#CNDB=commission nationale de droit de boissons.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.