IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umugabo w’imyaka 49 yicishijwe umupanga

Cibitoke : Umugabo w’imyaka 49 yicishijwe umupanga

jeudi 19 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Umugabo w’imyaka igera kuri 49 yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu muri komine Mabayi, intara ya Cibitoke.

Uwo yishwe azwi kw’izina rya Joseph MANIRAGABA, akaba yicishijwe umupanga n’abantu bataramenyekana.

Mu giporisi bamenyesha ko uwo yishwe yahora yagirizwa uburozi, abajejwe intwaro muri iyo ntara bagasaba abanyagihugu kuvavanura n’ingeso y’ukwihanira.

Umuryango w’uwo yagandaguwe nawo usaba ko amatohoza yokorwa kugira abakoze ubwo bwicanyi bashengezwe mu butungane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.