IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cote d’Ivoire : Umukuru w’igihugu yahinduye abagize Reta

Cote d’Ivoire : Umukuru w’igihugu yahinduye abagize Reta

jeudi 20 Mukakaro 2017

Mu bahinduwe, harimwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Hamed Bakayoko yagenwe gusubirira umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Umukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire, Alassane Ouattara yahinduye abari mu bibanza bikomeye vy’ubutegetsi, umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe n’uw’intwaro yo hagati.

Alain-Richard Donwahi yahora ari umushikiranganji wo kwivuna abansi inyuma yo kwerekana ko atashoboye gutorera inyishu ikibazo c’abasirikare bagumye bagira imigumuko,yagenywe kuva umushikiranganji w’amazi n’amashamba.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafrique,amenyesha ko Hamed Bakayoko yagenywe kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi afatwa nk’uwegereye cane umukuru w’igihugu Alassane Ouattara


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.