IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet leo, hafi y-abanywanyi bayo

Econet leo, hafi y-abanywanyi bayo

mercredi 19 Gitugutu 2016, par Jean De Dieu

Econet leo yama hafi y-abanywayi bayo. Niyo mpamvu yashiriyeho abanywanyi bayo imihora itandukanye yo kubaza canke gushikiriza iciyumviro cabo ku bijanye n-ama serevise bahabwa n-ishirahamwe eka mbere bagashobora no kwitura ishirahamwe ku kababakiye.

Igihe cose abanywanyi ba Econet leo bahuye n-akababakiye, barashobora kwitura imwe mu agences ashika kuri 13 akwiragiye mu gihugu cose ku mirwa mukiru y-intara.

JPEG - 433.9 ko
Agence Makamba

Turetse ama agences, hariho kandi ama points de service atandukanye hirya no hino mu gihugu, mu ma communes amwe amwe yo mu gihugu, aho umunywanyi ashitse ashobora kwakirwa, agatunganirizwa kukamubakiye (Econet leo point de service), akabaza ikibazo ashaka umuco canke agashikiriza n-iciyumviro ciwe.
Umunywanyi adashoboye gushika hamwe muri aho hose, arashobora kwihutira guhamagara ku buntu ku nimero 100. Aho naho, abakozi ba Econet leo bakaba bahari amasaha 24 kuri 24 yose, kugira babatunganirize. Kuva kuwa mbere gushika ku munsi w-Imana, baba bariho barindiriye kubakira kw-itelefone no kuvugana n-abo mu ntumbero yo kubatunganiriza

Igisata ca EcoCash naco nyene nticasigaye inyuma mu gutunganya uburyo bunyaruka cane bwo kubaza canke gusaba gufashwa ku bijanye na EcoCash. Umunywanyi wa EcoCash araheza agahamagara ku buntu ku nimero 444, aho baheza bakamwishura canke bakamutunganiriza ku kamubakiye.

Mu ntumbero yo kujana n-ibihe tugezemwo mu vy-ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, no ku buhinga ngurukana bumenyi, Econet leo mushobora kubasanga kuri Facebook (https://www.facebook.com/EconetWirelessBurundi/) na EcoCash nyene (https://www.facebook.com/EcocashBi/). Mushobora kandi kubakurikira kuri Twitter (@EconetBurundi) canke kuri Instagram (@econetleobi). Aho hose, abanywanyi bahamenyera amakuru atari make kw-ishirahamwe Econet leo, mbere bakaba bafise ubushobozi bwo kubaza canke gushikiriza ivyiyumviro vyabo ku vyashikirijwe. Bagashobora no kubaza.

Mufise ico mubaza, hamagara 100 canke 444 canke mutwandikire ku rubuga ngurukanabumenyi (Facebook canke Twitter).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.