IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne : Catalogne yatswe uburenganzira bwo kwitunganiriza (...)

Espagne : Catalogne yatswe uburenganzira bwo kwitunganiriza intwaro

samedi 28 octobre 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ya icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Espagne ariwe ajejwe intara ya Catalogne.

Ingaruka zo kuba intara ya Catalogne yatangaje ko yikukiye zatanguye gukora kuri bamwe, kuko umukuru w’igipolisi ca Catalogne yaciye yirukanwa mu kazi, inama nshingamateka irahagarikwa, haca hahamagazwa amatora yo mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Hejuru y’imyiyerekano ihamagarira abantu kuguma bunze ubumwe,abashikirizamanza ba Espagne bariko barategura ibirego ku bategetsi ba Catalogne, bifatiye ku bugarariji.

Naho gushika ubu ata gihugu na kimwe kiremeza ko gishigikiye ubwigenge bw’intara ya Catalogne,abashaka ko iyo ntara yigenga bavuga ko bataritegura ngo bagire imyiyerekano.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.