IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > FIDH : Abantu 1000 nibo bamaze kwicwa kuva muri Ndamukiza 2015

FIDH : Abantu 1000 nibo bamaze kwicwa kuva muri Ndamukiza 2015

mercredi 16 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Ihuriro mpuzamakungu ry’amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu kw’isi, FIDH : Fédération internationale des ligues des droits de l’Homme) ryasohoye icegeranyo ku Burundi, aho iryo huriro rishikiriza ko abantu bagera ku gihumbi aribo bamaze kugandagurwa kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.

Muri ico cegeranyo ca FIDH, bamenyesha ko abandi bantu baharurwa mu bihumbi umunani aribo bapfunzwe bazira poritike, abagera ku majana umunani baburirwa irengero, hamwe n’abaharurwa mu bihumbi amaja atatu bahunze igihugu.

FIDH imenyesha muri ico cegeranyo ko yegeranije intahe z’abantu bahohotewe hamwe n’ababuze ababo kuva muri Ndamukiza 2015, hatanguye impari ku gusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, amatora yabayemwo impari, hamwe n’igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo ivyo mutamenye nivyo vyishi abobantu bararenga kure niyo uravye abantu aho bakagandanguriwe nizengo ziyi reta yicaduka nikera ahubwo jewe ndatangazwa numuntu bita nyamitwe kubona yihanukira akita abantu Ngo nibasazi abahora gushira ukuri ahabona kwibibera ngaha muburundi iwacu kandi biba kumutaga izuba Riva bigakorwa nizego zareta iperereza igipolisi igisirikare bafashanije Ni mbonerakure nihahandi ngwamenyo agutwenga arayawe ahubwo nyabuna ntimucike intege Ngo musamazwe nimvugo zabo bicanyi ahubwo nimubandanye mushira ukuri ahabona gushika imigambi ya nyamitwe Na shebuja ibahamburukanye

  • Icocegeranyo ndi baza kirarenga kubera harabagenda basezeye umuryango ngo bagiye kurondera irasiyo yabana bageze munzira baranashika iyo bagiye, bahura nimbonerakure hamwe nacagi porisi uyo abagiye utazosubira kuboneka, umugore azoguma atunuye amaso ngumugabo azomuzanira irasiyo niyabu. Uwo muryango wuwo muntu ntuzigera utahura kuwiwabo yagandaguwe, nukuzobandanya amatohoza ivyobiharuro bizorenga, kuko ico nkurunziza yiyemeje cogutikizinganda aracakibandanya.

  • AMAJANBOYANYU ABARUNDI NTAKIDUCA INTEGE NONE KUMUSARA BAPFUYE MUKORIKI NONE ABANTUMUVUGA BAPFUYE MUBONA MWAJAVYIMWE ABARUNDI NTITUCUNVIRIZA AMAJANBO YABASAZI UBU TURIKO TWITEZA INBERE NAMWE BAMURAKWIRA AGAHINGA ESE KWISI MUBURUNDI NIHO ABANTU BAPFAGUSA ABAKIVUGA IVYO NABANSI BADOMOKARASI BAMWE BANKA AMATORA MURAHUNBA NAYANDI AZOBA MMIRIGWA MUBECHA

  • Ngo,abarundi,twese,ivyegeranyo,turabimenyeye ivugire,kugiticawe,jewentahonegamiye,wonvugiragute?

  • Abord bagovye gutembagaz ubutegets nibahane bitsiy mumategk

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.