IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Femit de Jabat agiye gutanguza iyandikwa ry’igitabu kivuga ku baririmvyi (...)

Femit de Jabat agiye gutanguza iyandikwa ry’igitabu kivuga ku baririmvyi n’indirimbo ndundi

lundi 29 janvier 2018

Nkuko bivugwa na Solange MURERWA, umunyabigega akongera akaba ajejwe gutumatumanako amakuru muri Fondation Femi de Jabat, intumbero y’igitabu kijamwo umuziki w’abarundi n’abaririmvyi , niyo kugira ububiko bw’umuziki.

Kubwa Solange MURERWA,ico gitabu kikaba nk’iratiro ry’umuziki ku buryo uwukeneye wese kumenya indirimbo z’umurundi, inyandiko yazo, akamenya aho aronderera.

Mu migambi ya Fondation Femi de Jabat, nkuko Solange MURERWA abandanya abivuga, harimwo ugufasha abatishoboye.

JPEG - 24.4 ko
Umuririmvyi Nsengiyumva Félicien, batazira Femi de Jabat

Muri iyo ntumbero, Femi de Jabat ategekanya kuzogendera abagendana ubumuga, guhimiriza abatwa ngo baje kw’ishure, gufasha abatishoboye.

Muri ukwo kugendera abafise ubumuga, Femi de Jabat ategekanya gutanga imfashanyo ku bagendana ubumuga bo muri zone Nyambuye muri Komine Isare, ari naho Femi de Jabat asanzwe avuka.

Femi de Jabat akaba ariwe yaririmvye ururirimbo « Ukuba kw’isi nukwitonda » rwaryoheye abatari bake mu myaka ya mirongo icenda


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.