IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Gambia : Igisirikare cakuye amaboko ku mukuru w’igihugu Jammey

Gambia : Igisirikare cakuye amaboko ku mukuru w’igihugu Jammey

jeudi 19 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Igisirikare ca Gambia camenyesheje ko kitazokwemera gutana mu mitwe n’ingabo z’ibihugu bizoba bije gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu Yahya Jammey aheruka gutsindwa mu matora, ariko akigumiza ku butegetsi.

JPEG - 36 ko
Ousman Badjie, umukuru w’ingabo za Gambia

Adama Barrow yatsinze Jammey mu matora mu kwezi guheze, yategerezwa kurahizwa nk’umukuru w’igihugu mushasha kuri uwu wa kane, ariko umukuru w’igihugu yatsinzwe, Yahya Jammeh ntiyitayeho ivy’iryo sango.

Ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero vyamaze kumenyesha ko vyiteguye gukoresha inguvu za gisirikare kugira uwo yihagiye ubutegetsi abusubize.

BBC ivuga ko ingabo za Senegal zagavye magabo ku rubibe rwa Gambia, naho ikiringo cuko Jammeh arekura ubutegetsi carenze kuva isaha zitandatu z’ijoro.

Umugambi wo gukoresha inguvu za gisirikare ushigikiwe na Nigeria hamwe n’ibindi bihugu vyo mu karere.

Ku rundi ruhande umukuru w’ingabo za Gambia, Ousman Badjie yavuze ko abasirikare biwe batazogwana n’aba Senegal ni baramuka binjiye mu gihugu, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru AFP ryabimenyesheje.

Yagize ati : "Igisirikare ntikizokwinjira muri ivyo bintu, izo ni impari za politike. Sinzorungika abasirikare banje mu ngwano idasobanutse. Ndakunda abantu banje."


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.