IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaston SINDIMWO arashimira abanyagihugu bo mu Mugamba bumvise akamo (...)

Gaston SINDIMWO arashimira abanyagihugu bo mu Mugamba bumvise akamo k’umukuru w’igihugu

mardi 6 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nama y’umutekano yagiranye kuri uwu wa mbere n’abaserukira abandi mu ntara za Bujumbura, Bururi, Mwaro na Rumonge, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ashimishwa n’ukubona amahoro n’umutekano vyagarutse muri komine ya Mugamba, ahahora habera ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano vyatandukira n’intara zegereye iyo komine.

Gaston SINDIMWO yashimiye abajejwe intwaro, abajejwe umutekano, hamwe n’abanyagihugu bo muri iyo komine bumvise akamo batewe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabagendeye abasaba kuvavanura n’ubugizi bwa nabi.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagendeye kw’igenekerezo rya mbere Ruheshi 2016 komine Mugamba intara ya Bururi, ahari hamaze iminsi habera ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekana. Abahungabanya umutekano muri iyo komine baragabishijwe muri urwo rugendo rwa Petero NKURUNZIZA.

Mw’ijambo ryashikirije abanyagihugu bari bakoranijwe muri iyo komine ya Mugamba, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’iminsi cumi n’itanu kugira abantu badurumbanya umutekano muri komine Mugamba babe bishikanye.

Mu gihe ico kiringo catanzwe cohera abo bantu batarishikana, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko hazokoreshwa uburyo bwose bushoboka kugira amahoro n’umutekano bigaruke muri iyo ntara ya Bururi, cane cane muri komine Mugamba, ahariko habandanya kwibonekeza ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho hamwe n’ubwicanyi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.