Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Imiriyoni 10 z’amarundi zibwe muri posita ya Makebuko
Gitega : Imiriyoni 10 z’amarundi zibwe muri posita ya Makebuko
jeudi 9 novembre 2017
Amakuru ava i Makebuko, amenyesha ko umurwi w’abasuma baratamenyekana wasituye winjira muri posita, uca wugurura amasandugu abikwamwo amafaranga, abo basuma biba imiriyoni 10 z’amarundi.
Ayo makuru nyene amenyesha ko uwikekwa cane muri ubwo busuma ari umunyezamu yari acunze ibiro vya posita, kuko ayo mafaranga amaze kwibwa atasubiriye kuboneka, n’ubu akaba akironderwa.
Abajejwe intwaro muri komine Makebuko baremeza ayo makuru, bakavuga ko amatohoza yamaze gutangura.
MUGISHA Van Naris