IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega: Umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA usaba ko abanywanyi (...)

Gitega: Umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA usaba ko abanywanyi bapfunzwe barekurwa

jeudi 15 Ruheshi 2017

Abo baserukira abandi mu mugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA, bavuga ko mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2017 abayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA 13 bapfunzwe ku karenganyo.

Abaserukira abandi mu mugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA baragaruka ku bayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA bapfunzwe mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Gitega harimwo 7 bava muri komine Nyarusange,2 bo muri komine ya Gitega bapfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2017,kandi bari bejejwe n’ubutungane.

Abo baserukira abandi mu mugambwe FNL mu ntara ya Gitega baragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abayoboke 4 b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bo ku mutumba wa Bwoga, komine n’intara ya Gitega bapfungiwe mu busho n’ibohero vya Gitega,hamwe n’ibikorwa vyo gusaka ingo z’abayoboke b’umugambwe FNL,ivyo vyose bikaba ata mpapuro zerekana ko abakora ivyo bikorwa babifitiye uburenganzira.

Abarongoye abandi mu mugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA mu ntara ya Gitega basaba ubutungane gukora ataho buhengamiye ,kugira abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bapfunzwe barekurwe kuko ata kindi bariko barazira atari ivyiyumviro vyabo vya politike.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • bareke Bakoee Ivyo Bashaka !Mw Gsa Bamenye Ko Hari Igihe Bazobna Ko Bihnze Bukebuk Bushkan Umusib Kumugzi Burya Ivy Bakor Bibza K Umunt Atabibna Gsa Mukomere Mugumye Ibnga Ntimutirigane Kuk Tuzishurwa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.