IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Gitega: Uwahora arongoye APRODH yahagaritswe n’igiporisi

Gitega: Uwahora arongoye APRODH yahagaritswe n’igiporisi

Tuesday 21 November 2017

Amakuru ava mu muryango wa Nestor NIYIBITANGA amenyesha ko mu gatondo bavyutse basanga igiporisi kirongowe na komiseri w’igiporisi mu ntara ya Gitega, ari kumwe n’uwutwara igendereza aho mu ntara ya Gitega nyene.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abaporisi baciye bakora igikorwa co gusaka ku muhana aho yar’asanzwe aba muri Quartier Musinzira, muri komine n’intara ya Gitega ,ariko ata kirwanisho bahatoye, atari impapuro zimwe zimwe.

Naho ataco bafatiye mu muhana iwe, Nestor NIBITANGA yahavuye ahagarikwa ajanwa n’igiporisi. Mu muryango wiwe bamenyesha ko batazi iyo Nestor NIYIBITANGA yajanywe, ariko bakibaza ko yoba apfungiwe mu gasho k’igendera mu ntara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.