IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Harabonetse akarusho mw’itangwa ry’amasoko ya Reta

Harabonetse akarusho mw’itangwa ry’amasoko ya Reta

dimanche 18 Munyonyo 2012

Uwurongoye igisata kijejwe gucungera ingene ivy’amasoko ya Reta bigenda Emmanuel Burakuvye amenyesha ko habaye akarusho mu bijanye n’ugutanga amasoko ya Reta kuva aho hagiriye itegeko rishasha rigenga amasoko ya Reta ryaje gukosora ibitari bike mu vyahora vyisungwa mw’itegeko rya kera avuga ko ritari rikijanye n’ibihe.

Yabivuze mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 27 Nyakanga 2012 inyuma y’inyigisho zatunganijwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi b’abamenyeshamakuru ku bimenyeshamakuru vyandika ku bijanye n’itunganywa ry’ubutunzi mu bisata vya Reta.Ica mbere itegeko rishasha rigenga amasoko ya Reta ryaje gukosora ngo ni uko kare ubushikiranganji bw’ikigenga ca Reta ari bwo bwagura ibikoresho vyaba bikenewe hanyuma bigashikirizwa ubuzi n’amashirahamwe ya Reta.

Muri kino gihe, ubuzi canke amashirahamwe ya Reta ni bo bigurira ibikoresho ariko hakaba umugwi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta ufasha mu kuraba ko amategeko aba yakurikijwe. Ikindi ngo haranategekanijwe n’urwego rujejwe gutatura amatati igihe yadutse mu bijanye n’itangwa ry’amasoko. Ikindi cakosowe ngo ni ibijanye n’uko mu minsi yahera amasoko menshi yatangwa biciye mu mwumvikano (gré à gré) canke ngo hagahamagarwa bakenya ivyo bita “consultations restreintes” mu rurimi rw’igifaransa.

Ariko muri kino gihe ngo hahamagarwa uwo wese abishaka kandi abishoboye kugira bashobore kuronka igiciro gitoyi kandi baronke ibintu vy’ingirakamaro kandi mu mwanya mwiza. Umuntu agereranije n’uko vyahora bigenda, dusanga n’igitigiri c’amasoko atangwa cariyongereye.

Ku bijanye n’uko ata mahinyu yoba akiri mu bijanye n’itangwa ry’amasoko, Emmanuel Burakuvye amenyesha ko atawovuga ko utunenga twose twakosowe ariko ngo harabaye akarusho.

Aha agatanga akarorero ku bijanye n’uguteba mu gutanga amasoko vyahora vyibonekeza cane. Ubu ngo iyo vyateguwe neza ngo isoko yose irafise igihe itarenza igaheza igaca itangwa. Ingorane ngo ziza kwibonekeza igihe abategura isoko batevye kubishikiriza ku buryo usanga babishikirije hasigaye iminsi mikeya nayo ahandi ngo nta ngorane bigitera.Nayo ku bijanye n’ubuzi canke amashirahamwe ya Reta yohava agira ingorane mu guhiganwa n’abikorera utwabo baravye intambwe ivyo gutanga amasoko ya Reta bitegerezwa gucako, amategeko naho nyene ngo yarategekanije ingene bene ayo mashirahamwe ashobora kworoherezwa kuko ngo hari amasoko menshi y’amahera makeyi atirirwa araca mu nzego zigenzura uko amasoko atangwa.

Izo nzego zikazoza kugenzura mu nyuma ingene ayo masoko yatanzwe. Ni ukuvuga ko ingene amasoko ya Reta atangwa muri ayo mashirahamwe, ikiringo n’amahera bafatirako usanga bitandukanye kugirango barinde gukurikiza ayo mategeko nk’uko vyanditswe biratandukanye n’ayandi masoko afise igiciro gitoyi.Naho biri uko, Emmanuel Burakuvye amenyesha ko no muri iri tegeko rigenga amasoko ya Reta muri kino gihe hari utunenge dukwiye gukosorwa ku buryo bizeye ko mu mwaka uza twoba twakosowe.

 Ivyo navyo ngo ni nkw’ivyo vyo kuraba amahera gufatirwako mu gutanga isoko iyi canke iriya be no kuronsa uburyo bukwiye inzego zijejwe itangwa ry’amasoko ya Reta bwaba ubujanye n’abakozi bakwiye n’ibikoresho.Ngo bagomba guhinyanyura iryo tegeko ku buryo rija ku rugero rumwe rw’ayandi mategeko y’ibindi bihugu basanzwe bari mu karere kamwe nka EAC. Eka ngo no ku bijanye n’ibiturire bivugwa muri ico gisata naho vyoba bitarahera ngo vyaragabanutse kubera itegeko rishasha ritegekanya ibihano bikomeye haba ku bahiganirwa amasoko haba no kubayatanga.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.