IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Haracari ibitagenda neza mw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu" - (...)

"Haracari ibitagenda neza mw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu" - NIVYABANDI

mercredi 30 Myandagaro 2017

Mu gihe yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, Martin NIVYABANDI umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, gushigikirana no kunganisha ibitsina yavuze ko gushika aho umwaka wa 2017 ugeze, mu Burundi ibintu bitifashe nabi mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI yabwiye abashingamateka ko mu mwaka wa 2017, Uburundi buri ku rugero rumwe n’ibindi bihugu mu kwubahiriza agateka ka zina muntu.

JPEG - 46.8 ko
Martin NIVYABANDI,Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI yasiguye ko umutekano muke uba urangwa mu gihugu, ariwo uba inyanduruko y’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu.

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI agira ati : « Nta nkeka ko iyo umutekano uhungabanye ariho agateka ka zina muntu gahungabana

Ibiganiro atawe bikumira vyofasha guhagarika isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu

Naho yabishikirije ukwo, umushingamateka Pamphile MALAYIKA yatowe mu ntara ya Muyinga yerekanye amakenga afise ku bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu yisunze ivyegeranyo biheruka gushikirizwa n’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH.

Umushingamateka Pamphile MALAYIKA yavuze ko ibiharuro vyatanzwe n’umurwi CNIDH vyerekana ko ikiringo co kuva mu mwaka wa 2016 gushika mu mwaka wa 2017 caranzwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ku rugero ruri hejuru bagereranije n’umwaka wa 2015, kuko muri ico kiringo abantu 2407 aribo basinzikarijwe agateka kabo, mu gihe mu mwaka wa 2015 ibiharuro vyari munsi y’ivyo.

Uwo mushingamateka akibaza nimba ivyo biharuro vy’umurwi CNIDH vyerekana ko ibintu bisanzwe canke bidasanzwe, ariko agatanga inyishu ko ibiganiro bihuza abarundi bose atawe bikumiriye ari ibibera hanze y’igihugu canke mu gihugu hagati, arivyo vyofasha kugira ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ntiribandanye.

Bitegekanijwe ko ku rutonde rw’ibizokwihwezwa n’akanama k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kajejwe agateka ka zina muntu muri Nyakanga 2017, harimwo ishikirizwa ry’ivyavuye mu matohoza yakozwe n’umurwi wajejwe amatohoza n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.