IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibirwanisho 1500 vyaraturiwe kuva mu 2007

Ibirwanisho 1500 vyaraturiwe kuva mu 2007

mardi 27 Munyonyo 2012

Ibirwanisho birenga 1500 bitobito nivyo vyaturiwe mu myaka itanu iheze. Aho ni mu ntumbero yo kwaka abanyagihugu ibirwanisho vyose batunze batabfitiye uruhusha.

Uwurongoye ikambi y’ububiko bwa gisirikare mu Burundi yabwiye bagenzi bacu b’ikimenyeshamakuru Iwacu ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bushimishwa n’igikorwa bugezeko mu gukura ibirwanisho mu banyagihugu. Gutyo ngo n’ubusuma buzoca bugabanuka. Yabivuze mugihe hari uwuserukira igisata ca gisirikare co mu gihugu c’u Budagi ariko aragendera u Burundi. Imigenderanire hagati y’ivyo bisirikare bibiri ngo yifashe neza. U Budagi nibwo bufasha mu gusambura ivyo birwanisho bitobito.

Umutware mu gisirikare c’u Budagi Bruno Brommer arashima ko abasirikare b’u Burundi bafashe nkama inyigisho igihugu ciwe cabahaye mu gucungera umutekano w’abanyagihugu muri rusangi. Aranashima ingene abasirikare b’abarundi bitanga mu gikorwa barimwo co gucungera umutekano mu gihugu ca Somaliya. Avuga ko muri iyo ntumbero, u Budagi buzoguma bufashe mu mugongo u Burundi.

No ku ruhande rw’u Burundi barashima, Général-major Sillas Ntigurigwa, umunyamabanga ntayegeyezwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi avuga ko u Budagi bufasha mu bitari bike cane cane mu guha inyigisho abasirikare b’abarundi. Arashimira kandi ico gisata ca gisirikare c’u Budagi cafashije kugira hasamburwe ibirwanisho birenga 1500 vyahora bitembera mu banyagihugu batabifitiye urusha. Ngo vyahora bikoreshwa mu busuma, mu bwicanyi canke ubundi bugizi bwa nabi.

Uyo mugambi ufashwe mu mugongo n’u Budagi wo gusambura non guturira ibirwnisho bitobito watanguye mu kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2007 uzorangira mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka uza w’2013.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.