IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Icegera c’umukuru wa PAFE apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba

Icegera c’umukuru wa PAFE apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba

dimanche 19 Ntwarante 2017

Icegera c’umukuru w’igipolisi kijejwe kugenzura imbibe n’ikirere PAFE ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa kuba yatanze impusha zo kwinjira mu gihugu ku banyasiriya babiri bakora inoti za magendu.

Amakuru ava mu begereye igipolisi kijejwe imbibe n’ikirere amenyesha ko imbere yo gutanga uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ,hari umurwi ubijejwe ukorana ukavyiga, ariko Canesius Niyongabo we yabikoze atabicishije muri uwo murwi.

Amakuru ava mu kigo PAFE amenyesha ko abao banyasiriya babbiri bafashwe ku mugaragaro bariko bakora inoti za magendu z’amafaranga y’abanyaburaya, ivyatumye afatwa agapfungwa ari kumwe n’umwe muri abo.

Ubu Canesius Niyongabo apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, inyuma yo kumara iminsi apfungiwe mu biro vy’igendereza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.