Accueil > Amakuru > Ubutungane > Icegera c’umukuru wa PAFE apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba
Icegera c’umukuru wa PAFE apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba
dimanche 19 Ntwarante 2017
Icegera c’umukuru w’igipolisi kijejwe kugenzura imbibe n’ikirere PAFE ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa kuba yatanze impusha zo kwinjira mu gihugu ku banyasiriya babiri bakora inoti za magendu.
Amakuru ava mu begereye igipolisi kijejwe imbibe n’ikirere amenyesha ko imbere yo gutanga uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu ,hari umurwi ubijejwe ukorana ukavyiga, ariko Canesius Niyongabo we yabikoze atabicishije muri uwo murwi.
Amakuru ava mu kigo PAFE amenyesha ko abao banyasiriya babbiri bafashwe ku mugaragaro bariko bakora inoti za magendu z’amafaranga y’abanyaburaya, ivyatumye afatwa agapfungwa ari kumwe n’umwe muri abo.
Ubu Canesius Niyongabo apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, inyuma yo kumara iminsi apfungiwe mu biro vy’igendereza.
IGIHE
Messages
19 Ntwarante 2017, 13:56, par Saïdi Anicet
Amategeko Nakore.Ukuri Kuje Ahabona.
19 Ntwarante 2017, 17:29, par SUGURU
RETA NIBIRABE ARIKO NTAMWANYA AZOMARAYO!
19 Ntwarante 2017, 18:03, par anicet
Nimubafunge ivyobisuma
19 Ntwarante 2017, 19:01, par Ezechiel Sabushimike Ariko Ubu Ndi Mugihugu Ca Tanza Niya
Ni Ahanwe Kuko Abo Nibo Bobacafuza Uburundi . Nimumuhane Mukurikije Amategeko Kuko Atahanwe N’abandi Boca Baza Bara Bikora Ngonawawundi, Ntaco Bamugize.
19 Ntwarante 2017, 20:09, par Richard
Kubita izo ntumva!
30 Ntwarante 2017, 13:52, par Kevin
Iyaba Uwukoze Icaha Wes Ahanwa, Vyobaye Vyiza Gusumba!