’’Igikorwa co kwandika abazoja mu matora kigeze ku bice 56 kw’ijana’’-CENI

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 13 février 2018 saa 02:19
10080
0 0

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI umenyesha ko ibiharuro vy’abantu bamaze kwandikwa kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha ryimirije bishimishije.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2018,umukuru wa CENI Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko igitigiri c’abamaze kwandikwa gishitse ku bice 56 kw’ijana.

Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko abamaze kwandikwa bashika 2.505.829 bagizwe n’abagabo 1.298.453 hamwe n’abagore 1.207.376.

Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko abategekanijwe kuzoja mu matora yo mu mwaka wa 2020 bangana 4.452.679.

JPEG - 37.5 ko
Pierre Claver NDAYICARIYE, arongoye umurwi CENI

Igikorwa co kwandika abazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kikaba gitegekanijwe guhera kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.


Kumenyekanisha

1
HARIMENSHI Felix 15-02-2018 à 13:59

Uwo nyakubahwa arongoye CENI nomusaba ko yohimiriza abamenyeshamakuru kugira babandanye basubizamwo(redifusion) arya majwi yabanyepolitike bahamagarira abanywanyi kwiyandikisha. Nacanecane abo kuri RTNB kuko niyo isamirana mugihugu cose. vyofasha cane

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha