IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye inkozi z’ikibi zagirizwa kwiba urugo rw’umutariyano

Igiporisi cerekanye inkozi z’ikibi zagirizwa kwiba urugo rw’umutariyano

Tuesday 28 August 2018, by vianney

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bafashwe uko ari 10 bagizwe n’abajejwe umutekano 3 harimwo umusirikare 1 n’abaporisi 2 hamwe n’abanyagihugu 7 bakaba bafatanywe inkoho 2 ntonto zo mu bwoko bwa pisitore hamwe n’ibikoresho vy’ishirahamwe REGIDESO.

Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bafashwe bagiye gushikirizwa ubutungane .

Uyo avugira ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza atera akamo abantu bose kwamana amakenga ,mu gihe babonye abantu batamenyereye babishikirize abajejwe umutekano kuko haheze imisi hibonekeza abantu bigira abakozi b’amashirahamwe mu kuja kwiba.


IGIHE

Forum posts

  • Nibahanwe urazi iyobariko barakora iyo operations yabo yokwiba ukuntu vyaducanga tukibaza koyobarimirwi yobitanguye yinyeshamba.

  • Barundi nikuki mukimeze uko?mbega muzogeza ryari ikibi nico cahindutse urudandazwa? mbega mbega urworudandazwa ruzokugaburira gushika ryari bemwitonda kuko uwitonze amira ibinoze kandi uyutanguye urugendo atari urwama nyanga uhabonera ivyiza naho wobona umengo biragoye ahonyene hagoye hitondere uhigire uhitondere kugira ubone ingene woshobora kuhava kuko ibigiye inama bigira imana hinduka mumere nkabandi nkuko pawulo yahindutse ndabipfurije guhinduka gukwiye kandi imana ibaje imbere hama ndashimiye cane bimwe bivuye k,umutima kugikorwa ciza bakoze cugushengeza izonkozi zikibi ok yari Burundi bwiza komera nimwirambire komera ntare zuburundi.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.