Home > Amakuru > umutekano > Igiporisi cerekanye inkozi z’ikibi zagirizwa kwiba urugo rw’umutariyano
Igiporisi cerekanye inkozi z’ikibi zagirizwa kwiba urugo rw’umutariyano
Tuesday 28 August 2018, by
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo bafashwe uko ari 10 bagizwe n’abajejwe umutekano 3 harimwo umusirikare 1 n’abaporisi 2 hamwe n’abanyagihugu 7 bakaba bafatanywe inkoho 2 ntonto zo mu bwoko bwa pisitore hamwe n’ibikoresho vy’ishirahamwe REGIDESO.
Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bafashwe bagiye gushikirizwa ubutungane .
Uyo avugira ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza atera akamo abantu bose kwamana amakenga ,mu gihe babonye abantu batamenyereye babishikirize abajejwe umutekano kuko haheze imisi hibonekeza abantu bigira abakozi b’amashirahamwe mu kuja kwiba.
IGIHE
Forum posts
29 August 2018, 15:33, by Twaje
Nibahanwe urazi iyobariko barakora iyo operations yabo yokwiba ukuntu vyaducanga tukibaza koyobarimirwi yobitanguye yinyeshamba.
29 August 2018, 20:34, by Niyukuri BURUNDI jeans marie
Barundi nikuki mukimeze uko?mbega muzogeza ryari ikibi nico cahindutse urudandazwa? mbega mbega urworudandazwa ruzokugaburira gushika ryari bemwitonda kuko uwitonze amira ibinoze kandi uyutanguye urugendo atari urwama nyanga uhabonera ivyiza naho wobona umengo biragoye ahonyene hagoye hitondere uhigire uhitondere kugira ubone ingene woshobora kuhava kuko ibigiye inama bigira imana hinduka mumere nkabandi nkuko pawulo yahindutse ndabipfurije guhinduka gukwiye kandi imana ibaje imbere hama ndashimiye cane bimwe bivuye k,umutima kugikorwa ciza bakoze cugushengeza izonkozi zikibi ok yari Burundi bwiza komera nimwirambire komera ntare zuburundi.