IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igitangaza ca mbere co mu giteramo ca KIGINGI cagiye ahabona

Igitangaza ca mbere co mu giteramo ca KIGINGI cagiye ahabona

mercredi 14 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Kigingi Summer Comedy ntikibaye igiteramo co mu Burundi gusa, Kigingi ubwiwe yemeza ko vyahindutse. Ico giteramo cashizwe ku rugero rw’akarere, bisigura ko afise abatumire bazova mu bihugu vyo mu karere nko mu Rwanda no muri Congo iharanira intwaro Rusangi. Haravugwa cane cane inzobere mu mwuga w’ugutwenza "Comedy" aturuka mu ntara ya Goma azwi kw’izina rya "Djassa Djassa" azoba ari muri ico giteramo, eka n’ayandi mazina vuba agiye kuja ahabona.

Kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro, mu kigo ca Scheppers mu Nyakabiga niho bazobica bigacika. Igitwenza ca mbere muri ico giteramo camaze kuja ahabona. Ico naco ni amahera yokwinjira : Amafaranga y’amarundi ibihumbi bitanu n’amajana abiri na mirongo ibiri n’abiri (5225 Frs) niyo abakeneye kuja muri ico giteramo bazotanga mu kwinjira.

Ikinyamakuru IGIHE kizoguma kibashikiriza uko integuro z’ico giteramo ziriko ziragenda gushika umunsi w’igiteramo nyezina.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.