IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ikinyamakuru "Jeune Afrique" cahawe ikiganiro na Général Godefroid (...)

Ikinyamakuru "Jeune Afrique" cahawe ikiganiro na Général Godefroid Niyombare

dimanche 7 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Yemeza ko atariko arakora n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi bari mu Rwanda, ahubwo ko arongoye umuhari w’abarwanyi ba FOREBU, kandi ko ashobora gutegura ibitero ku butegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Muri ico kiganiro yatanze, GénéralGodefroid Niyombare ashikiriza ko atigeze ashaka gufata ubutegetsi bw’Uburundi, ahubwo ko yashatse kubishikiriza abarundi benebwo.

JPEG - 92.7 ko
Général Godefroid Niyombare

NIYOMBARE aranegura ariko ingene bamwe mu barongoye abandi mu basirikare b’Uburundi bamuhindutse kandi uwo mugambi bari bamaze kuwumvikanako. Avuga ko nk’abasirikare bari kuja gufata ikibuga c’indege ca Bujumbura "bamuhemukiye", agatunga agatoke Général Pontien GACIYUBWENGE yari umushikiranganji w’ukwivuna abansi, amwagiriza ko yamuhindutse kandi bari kumwe mu mugambi.

Bamwe mubari bafatanije umugambi na Général NIYOMBARE batashoboye guhunga nkawe, bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Gitega, abari imbere muri uwo mugambi nka Général Cyrille NDAYIRUKIYE na bagenzi we bakaba baciriwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.


IGIHE

Messages

  • Jew ndunva ntakintu yashikirije uretse kurega bagenziw baribasangiye umugambi.naho gutegura ibitero ndamugereranya nkintare imoka itagira amenyo.

  • Non Ko Bamuhmukiy.We Ntiyosab Imbabazi Reta.Akagarka Mughgu?

  • Niyombare urafise umukoshi ntangere, abo wita abajanama nibo bakwigarika,bagaca bironkera amahera yikuduza ama stages.

  • Hewe raba wirekere kuko urucira mu kaso rugatwara nyoko ivyo urabitegura ariko Imana nayo igategura ivyayo,none wewe nabo murikumwe muzoyitsinda?Mana kura iki gikombe kiturengane.

  • reka reka ntuzewe ntiwice abanyagihugu bamwe banyarucari tutazi na i mbe ubwo butegetsi ugomba ugwanye uzobafata wewe uzobashobora atarukwica abenegihugu abana baba impfuvyi abandi abapfakazi mbe ko mbona twirigwa turapfa atanakimwe tugenda dutwaye ubu burundi muzogenda nabwo kwa tanakamanyu muzokurako mbe aho uvugivzo wosanga uzopfa mundwiza uko sukwiteranya kumana

  • Mon General ndakwizeye uzodukurira iyi Leta y’icaduka ya Peter naba Munyoni

  • TWEBWE,ARUNDI,TURANEZEREWE,KUBA,DUSUBIRIYE,KUKUMVA,AHUBWO,IMIGAMBI,YAWE,YISHIRE,AHABONA,NKUMUGABO,YITEGURIYE,GUKURA,ABANYAGIHUGU,MUKAGA,BARIMWO

  • Nukuvuga ngo Gaciye ubwenge ngonabandi ngobaraguhenze, bariyabo kubera aribenewanyu babarundi baravyoroheje rindira uzorebe uwo Kagame aho agiye kugushikana ukuntu arihabicane ariko wewe murajana ndavugako akarere kamurambiwe kubera umuntu yigize uwujejwe gushigikira ababangamirabose ibihugu bibanyi.
    Raba Nkunda ahoku.ushikiriza igihuguciwe yaciye abika barigumanira bakomeza gupanga gukora imipango yukuntu bojagukora amabi Congo.
    Raba Niyombare yaciye amwiyegereza bakomeza gupanga ukwo bazokorera amabi muburundi.
    Amatwi ansumira ngohariho u.usirikare akomeye wa Tanzania arimurwanda yaje nkuwuhungiyeyo ariko avugako Tanzania ngoyamumenye kwarumu yarwanda none ngo Kagame ariko araganiranawe ukwobokoresha amahera bagatangura kuyaga abatangura gukora amabi Tanzania.
    Bugande, nukwo.
    Kagame Mumisi itarambiranye Is igomba imudawe kandi aboyizeye ngobarabushigikiye azoyonga barebera mbere bazogerekeho namajambo ko bababajwe namabi yakoze.

  • Ndamubwiye nti "pole sana mon général"!Ariko n’aho baguhemukiye,abarundi isinzi bashegeshwe n’amabi bakoregwa n’iki kinywamaraso ngo ni Nkurumbi baragukeneye kandi bogufasha kukigwanya,pourvu que werekanye volonté yo kubabohora vy’ukuri!Ariko igihe kibaye kirekire,bamwe baza baramaze guhororokerwa,abandi nabo barishikanye mu kaburi ka CNDD FDD!!Urazoraba rero n’icizere tugufitiye ntigihere,kuko turarushe n’amajambo ata bikogwa!

  • Inkuru yuyumugabo irashaje cane ntigikenewe,niyababishoboye atarakarimi azobikore!!!uwihayaneza nuwihaya yambura ibigwanishwa avuyekunesha nayuwukivyambara abatazicakora.abarundi nimureme dufisi Mana .bamwe mubobafatanije turababona bayerera muribibihugu duhanimbibe ukobasakonyene kurababaje.nibatahe twubakigihugu canke babimpunzi ahobari biberamahoro nayivyoguteruburundi ninzozi zitagira icizisobanura kuko tubusengera ijoro numurango nabonabo tutabibagiye kugirantibaze bagwe murivyo vyago ngobibahitane batarihana

  • Niyombare Imana Yaramuvumye Kuko Yakoze Imana Mujisho Natwe Abarundi Turamuvumye Ntamaraso Tugomba Muburundi.

  • Ivyuburundi Biragoye Niyombare Nateshw,ate . Ivyuburundi N,ibanga Imana Niyo Izomara Amatati Yo Muburundi.

  • Izo nindoto ,uburundi burimwo abagabo bijunja nijambo,amase yakera ntagihoma urutaro,azoze azodusanga,turi maso,azowatse azowota wenyene kurya yawose le13 mai 2015,inyo y’inkoko uyerekwa n’umuyaga,uwo numugani ndaba ciriye,ubutegetsi butangwa natwebwe abanyagihugu.

  • MBEGA NIYOMBA URATINYA IMANA . YAKUREMYE WAGIZE AMAHORO IMANA YAHAYE ABAYO UYATAMWO UMUHORO IMANA IRAKINGA TWEBWE ABANYAGIHUGU TURYA TURUSHE NAWE URYA ICUSHA NKAKAYABU WAHIMBA UGAHIMBA GUHONYA. IMANA SUMUNTU ..... IKIBAZO NINYISHU HAMWE WEWE

  • Biragaragara ko atariwe yavuze,muzotegera KO avuga mubure.Mbere ivyo vyo vyari kwerekanwa na vidéo.

  • wantovyiwe.uraza usabe imbabazi ufukamire umwami daudi umubwire vyose.ego ufise isoni zabarundi wahemukiye bakwunvamwo ubugabo nijambo haraho umuntu adahwishwa nuguhaga kandi arivyo yirondereye.ivyurata ngutungiye Congo.ntibiruta ingabo wataye murudubi2015 wihagazeko nabatama bazokuvugutira igicuncu warabibonye kwingabo zose zishigikiye umwana mutoyi cane nkurunzizaaaa.devid anesha amabingira na goriati yariyarahahamuye abahutu.peter 4. 2020tsinda.

  • Gaciyubwenge Ni Gaciyubwenge Nyene Yarabikweretsek Ubwaw Bwibomye Kuki Wemera Akab Ariw Witimbere Abandi Nibari Bahari??Ewe Urashak Wigumir Hiyo Nimb Ukiriho Kuk Kabiri Karazirwa Gatatu Nibara

  • Ntimushyire Mu matiku umukuru w’igihugu cyacu He Paul Kagame . Ntamwanya afite wo guta igihe ku burundi kuko icyo yashyize imbere nuguteza imbere igihugu cyacu n’abanyarwanda ibindi murimo namatiku mumuhe amahoro ye kuko siwe ubabwira ngo mwicane , muvangurane ,,,,, mu mushyire hasi nundi munsi ....

  • NIYOMBA NTACO UBUZA AMAHORO ABURUNDI NABARUNDI KUKO UBUTEGETRSI BWANKURUNZIZA USHAKA NTUSHOBORA KUBUKORAKO KUKO YABUHAWE N’IMANA.TUREKERE UMUKURU W’IGIHUGU CACU ATWARE YONGERE ATWARE ,KUKO TWAMUHAWE N’IMANA,ABANYAGIHUGU TURAMUKUNDA N’IYIRAMBIRE IMYAKA NIMYAKA.

  • Uwo Muhimbiri Niyombare Yatumye Urwaruka Rw’Abarundi Bapfa Abandi Bagahunga Akwiye Gufatwa Nawe Akicwa Ndetse Agahabwa Imbwa Nibisiga Bikamurira Ku Gahinga None Ngaho Hari Nabakimukurikir.Rwaruka Benewacu Ni Muce Ubwenge Uwo Mugeser Arabahenda Ese Nimuja Guter Uburundi Ntimuzob Mugiy Kwica Abo Muvukana Nimiryango Ndetse Nabavyeyi Babibarutse Nabasokuru Banyokuru Banyu.Nimuce Ubwenge Uwo Mugeser Arabahenda.Umukuru Wigihugu Nurya Nyene Kuko Abarundi Baramukund.Barya Bamwihinduts Imana Ibahezagir Banse Gusesa Amaraso Yabarundi .One Love.

  • Naze Y Ishikane Asabikigogwe Nayahandi Azohera Mugahinga

  • IYOYAHUNGIY ARAKAGWAYO uWOMushenzi

  • Indoto Ziranyaruka Niyombare Ntakiriniyombare Nimumbari Mumbarimurahazi Mumbari Yahezagiwe Na Shetani Nkurunziza Hahezagiwe Nimana Ino Ntiribumushatsi Mbe Uworasa Nyakubahwa nkurunziza Wotwarirahe ? Turimaso Anyagihugu Nandadaye Ata Musirikare Numwe Yarafise Yarabaye Ifuroryigiti Nyakubahwa Nkurunziza We Yobabera Ifuro Ryamabuye Uwurinugutwiniyunve .

  • Ubu Yanikayomemyo Ngagombateruburund? Urisuka Kurisongoy Prime Niyongabo Azokuvugutira Umuti Abarundi Turi Yeux,

  • Ntabwenge umunt yashikirij iyinkur afise kuko nimba Niyombare yovuga akari kumutima coba arigisigo cumuzimu kuko ntabaho muraraba iyo montage yabo babirigi 2 bavugira umuzimu.

  • Hew Iminw Uzi Ntikumarira Amazi:aho Ga Niyomba,urafise Gishasha Gisumba Le 13 .5.015 Ndi Nkaww Mazekubona Abagenzi Bampemukiy Natora Inkoho Nkirasa

  • Komera mutama ibintu nibukebuke abakera nibo baciye umugani ngo bukebuke bushikana umusiba kumugezi.
    Ariko ivyo bizoshoboka komushika kumugambi mwifuje, aruko mukoreye hamwe niyindi mirwi yahisemwo gufata ibirwanisho, nkivyabaye kuri CNDD ikiri mwishamba, hamwe Efenere, bahuye wamenge ni mbeba zihuriye kwigufa, amasoro niyo yaca yasirana mwuwo mwanya!, nabugingo nuyumusi murabibona, ingene CNDD FDD na Efunele nabugingo nuno musi nuguhigana kurya kwibwa ni mpongo.
    Namwe nimba mwahisemwo gufata umuheto, mwige nuburyo muzokwubahana, kuko mwese mugowe rumwe.

  • ARIHENDA HAGOWE USODA TWIWE

  • ARIKO UMUHUTU IYAHIMVYE AHIMBA ICOYIMENA.JENERARE PE!!! UWAMBAYE IKIREZI NTAMENYAKOCERA.NDAVUGASIMVURA.

  • We kora ni vyanka uzoreka abipfuje kuba nkawe bikanka ni benshi.nterefona kuri 255752176245 ndakubaze canke wandike message.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.