IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Imirwi ibiri y’abantu bakora impapuro za magendu yahagaritswe (...)

Imirwi ibiri y’abantu bakora impapuro za magendu yahagaritswe n’igiporisi

samedi 9 Nyakanga 2017

Nkuko umuvugizi w’igiporisi OPP1 Pierre NKURIKIYE yabimenyesheje, abo bafashwe bari mu mirwi ibiri,umwe ugizwe n’abagabo bane bafatanywe urupapuro rwo kugendesha imodoka rwa magendu, n’uwundi ugizwe n’abagabo bane bafatanywe ibimangu, impapuro z’umutsindo za magendu n’ibikoresho bakoresha.

Umurwi wa mbere wafashwe inyuma yaho umugabo azwi kw’izina rya NIYONKURU Amad yafatanwa urupapuro rwo kugendesha imodoka rwa magendu, igiporisi gica gitanguza amatohoza gushika bamenye uwuzikora.

JPEG - 43.5 ko
Umurwi wafatanywe urupapuro rwo kugendesha imodoka rwa magendu

Umurwi wa kabiri wafatanywe imashini nyabwonko 9,ibikoresho bisohora impapuro 9,ibikoresho bifotora impapuro 3,icuma gitanga umuyagankuba,imashini zo kwandika n’ibindi.

JPEG - 49.7 ko
Umurwi wafatanywe izindi mpapuro za magendu

Uko ari bane bafatanywe kandi impapuro z’umutsindo za megendu, impapur zerekana ko umuntu akomeye, impapuro ndangatongo za magendu, hamwe n’impapuro zihamagaza abantu mu butungane nazo za magendu.

Umuvugizi w’igiporisi OPP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ivyo vyose vyafatiwe mu bibanza indwi, biri mu Buyenzi, mu Buterere,mu Kinama, mu Nyakabiga mo mu Bwiza.

JPEG - 95.7 ko
Pierre NKURIKIYE,Umuvugizi w’igiporisi

Avuga kandi ko uko ari umunani bafatiwe mu mirwi ibiri, bazoca bakorerwa amadosiye kugira bashikanwe imbere y’ubutungane.

Umuvugizi w’igiporisi agatera akamo uwo wese azi ahakorerwa ibintu nk’ivyo vya magendu kuhavuga, kuko uretse ko igiporisi conyene kitoshobora kubona ahakorerwa ivya magendu, n’igihe impapuro za megendu zisohotse canke zikoreshejwe igihugu kirahahombera ubutunzi butari buke.

Mwomenya ko muri abo bafashwe harimwo umwe ava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, asanzwe atwara n’ishuri imwe ikorera mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 56 ko
Ibikoresho vyakoreshwa mu gukora impapuro za magendu

MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.