IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukiye ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bakoraniye mu nama i (...)

Abaserukiye ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bakoraniye mu nama i Bujumbura

jeudi 22 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, Liberat Mpfumukeko, mw’ijambo yashikirije ry’ukwugurura iyo nama, yamenyesheje ko ari akaryo keza k’ukuvugana ibijanye n’ibikorwa vya Afrika y’ubuseruko, uguhanahana ivyiyumviro hamwe n’ugusangira n’abandi ubumenyi butandukanye bw’abikorera ivyabo mu bihugu bigize iryo shirahamwe. Abitavye iyo nama barabira hamwe kandi ivyokorwa kugira ibihugu biri muri Afrika y’ubuseruko bibandanye kwiteza imbere.

JPEG - 5.6 Mo
Liberat MPFUMUKEKO, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko

Icivugo c’iyo nama ni " Imyaka 15 ya EAC : Tugenda tugana ishirahamwe ritagira imbibe."

Imigambi iryo shirahamwe ririko rirarangura ikaba igizwe n’ukurabira hamwe ingene ibihugu bigize uwo muryango vyoza birahanahana abakozi, ukworohereza abatozwakori bo muri ivyo bihugu, ugushiraho amategeko amwe mu bijanye n’itangwa ry’amakori mw’isoko rusangi ya Afrika y’ubuseruko, hamwe n’uwiga ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mw’ihanahanwa ry’ibidandazwa.

Iyo nama yabereye i Bujumbura mu Burundi mu gihe bamwe mu bagize urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bo mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko bandikiye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, bamubwira ko batazokwitaba iyo nama, mu kwifadikanya na bagenzi babo b’Abarundi bahunze, kandi badashobora kuza muri iyo nama mu gihugu c’Uburundi.

Igihugu ca Sudani y’epfo giheruka kwemererwa kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko citavye iyo nama, tukabamenyesha ko n’igihugu c’Urwanda cari kimaze iminsi kititaba inama zibera mu Burundi cari caserukiwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.