IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka na nshingamateka zisaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa (...)

Inama nkenguzamateka na nshingamateka zisaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya gutanga imfashanyo

lundi 27 Ruhuhuma 2017

Inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi bisaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya gufasha abanyagihugu bari mu gihugu hagati nk’uko babikorera abarundi bahungiye mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka, ryasomwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka Jocky Chantal NKURUNZIZA kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 bemeza ko hari ibisata vy’igihugu ibikorwa bigoyagoya kubera ata nfashanyo ziva hanze ziza mu Burundi.

Muri iryo tangazo kandi inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi bimenyesha ko ibintu mu Burundi vyateye imbere mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ibitandukanye n’ivyashikirijwe n’inama nshingamateka ya Canada.

Inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi bimenyesha ko abamaze kugendera Uburundi bose, bemeje ko uko igihe kigenda kuva mu mwaka wa 2016, ibintu ibintu biguma bija mu nzira nziza.


IGIHE

Messages

  • Muri agatwenza mwa bagabo ngo muserukira abandi. None ko mwama muririmba ngo mwarikukiye, abari mu gihugu simwe mubashinzwe ntimwobafasha!Abasezi muri igito ntimugira n’isoni ryo gusaba abo mwama mwatutse!

  • nagira murikwije none harideni babafitiye ?baza Sindimwo ivyo yavuze yavuze ngo ntamfanyo yabo bazungubakeneye YOOOOOO!!!!!!!!!!!MAMA WEEEEE

  • Hhaahh Imbonerakunya n’ Interahamwe inzara irazishe,mbe ko mwiyamirije Union Europeene none musubiye kurya ivyo mwadashwe?amaraso arasama kweli

  • Nibaze babareka bwabundi bagenda mumabarabara atamutima bakigira!, nukuri muranteye akagorwe, ati kuki?, mumaze imisi muhindira mumabarabara urwaruka rwi mbonerakure nabanyagihugu bagezumutwe nkuruyuzi batamenya iyobaja,mukubahindira mumabarabara biyamiriza abobazunzu bomubihugu vyaburayi, none muratanguye kubambambira budakeye nakabiri!?, ndibuka mumajambo mwagiye murashikiriza, mwavuga yuko ngaha muburundi mwikwije atakintu nakimwe mukenye cotuma murondera uburayi. None ivyo muriko muravuga nibiki?, kuvyashikirijwe navyo nigihugu Canada nivyukuri ngaha iwacu, ivyokubahiriza agateka kazina muntu, biracari kure nkukwezi. Jewe ukozi ivyagateka kazinamuntu, abomushingamateka nakenguza mateka, siko babitahura!, ngaha muburundi ntamuntu akibaza icabona kitagenda neza, urinzi ubaza ikibazo gisa nuko utoba ushigikiye umugabwe CNDD FDD aho ubuhise,amaradiyo meshi yaraturiwe na reta, abamenyesha makuru baragandaguwe, abatishwe barata baromoka, nabasigaye ngaha muburundi barinze bashikiriza ivyo reta itifuza niwomusi borara mumpimba, umumenyesha makuru wahano asanuwuri mugasho, urinze wanka kuja mumyiyerekano, urakubitwa ugashaya, gufata abagabo bagatwarwa mwi perereza bakavayo ibihimba bimwebimwe atavyo bagifise vyarahimbuwe, abandi bagakorerwa amabi ntashoboye kudondora, abo naba batishwe. umu nkumukuru winama shingamateka ya rakwiye guhora, kuko ivyobihugu vyaburayi ariko araronderako kwimfashanyo yari yabitutse bihagije.

  • ego nivyo ubumwe bwa buraya burakwiye gutera inkunga uburundi. kuko uburuni nabwo nyene bwarafashije ibihugu vyinshi vya buraya gutera imbere mubudandaji, mu gisoda no mu mahinguriro. burya mwari muzi ko uburundi buri imbere mu vyubutunzi gusumvya mbere ubufarego nivyo ubumwe bwa buraya burakwiye gutera inkunga uburundi. kuko uburuni nabwo nyene bwarafashije ibihugu vyinshi vya buraya gutera imbere mubudandaji, mu gisoda no mu mahinguriro. burya mwari muzi ko uburundi buri imbere mu vyubutunzi gusumvya mbere ubufaransa.

  • Birumvikana kuko aba DD mwarasaze ntimukimenya ico muvuga. Intwaro mbi ni ishano gose. Abanyagihugu mubiriza mu mwiyerekano tous les jours,mubikorane vya faux, abandi mubanyaga utwabo mu biturire, abandi mu bangaza, mubuza abantu gukora... nagira aba DD murikwiye ko no mu kazi arimwe mukaronka mwenyene.
    None muriko musaba imfashanyo abo mwama mutyoza, mwarasaze. Twategereye kuva kera ko dutwagwa n’inkehabwenge. Malheureusement mumase ku gihugu nkinyondwe kurushato iguma iguguma yonka amarazo y’urushato kandi inka yapfuye kera.

  • DD ntakabi utazanye?za mayibobo z’imbonerakure mwashira mu mabarabara ngo muriyamiriza Union europeene zirihehe? muja gusaka amazu Ababirigi babamwo mwagira ngo bizoherera hajya gusa?none ko mwikwije muradedemba musaba abo mwimye?

  • hhahahaa nababwiye kuva kera ngo Peter Nkurumbi asabe ikigongwe Nyakubahwa Kagame,erega barundi dutwawe n’ibijuju,amahera y’abasoda bari muri Somalie barayabuze none bagiye gupfa umufa w’ibijumpu,muzopfa mwangara nka gahini,na bado,fimbo chapa

  • Hari abigisha abandi ngo bazebaravuga ngo abandi sabahano babitangaza kandi twese turibeneBurundi

  • mwaba dd mwekabaheranye sindababesha mwegemwirirwa mutuka abahorabadufasha emamango nibagumiwabo ngontimubakeneye amatwansumira ngomurikwize none ivyomurimwo nibiki ntakunya ahutema ubawiboshe nimurindiregato izombonerakure mwahayibirwanisho bucazibanigagura kuko ntizizemera kurarubusa kabiri kandi azikafise mashine munze zitabamaze ndakurahiye ahozirabatezi jisho nimvagomuzokwiruka mpaka mubacakiye eemwe urucira mukaso rugatwara nyoko zitabirutseko mpaka muzihaye ivyomwazimenyereze mwase zibanigagure

  • mwaba dd mwekabaheranye sindababesha mwegemwirirwa mutuka abahorabadufasha emamango nibagumiwabo ngontimubakeneye amatwansumira ngomurikwize none ivyomurimwo nibiki ntakunya ahutema ubawiboshe nimurindiregato izombonerakure mwahayibirwanisho bucazibanigagura kuko ntizizemera kurarubusa kabiri kandi azikafise mashine munze zitabamaze ndakurahiye ahozirabatezi jisho nimvagomuzokwiruka mpaka mubacakiye eemwe urucira mukaso rugatwara nyoko zitabirutseko mpaka muzihaye ivyomwazimenyereze mwase zibanigagure namwenurabizi nahowobuzikurasa gute izara iteye mugihugu abenegihuunyene bagufufatisha intoke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.