IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inama y’umutekano ya ONU yasabiye ibihano Koreya yo mu Buraruko

Inama y’umutekano ya ONU yasabiye ibihano Koreya yo mu Buraruko

mardi 16 Rusama 2017

Inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko igihugu ca Koreya yo mu Buraruko cofatirwa ibihano,bishigikirwa n’igihugu c’Ubushinwa kandi gisanzwe gifitaniye ubucuti budasanzwe na Koreya yo mu Buraruko.

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika nico categuye iyo ngingo, mu gihe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 16 Rusama,umwaka wa 2017 hategekanijwe inama ibera mw’ibanga yasabwe na Amerika n’Ubuyapani,kugira bavugane ku kibazo ca Koreya yo mu Buraruko.

Igeragezwa ry’ibigendajuru rikrwa na Koreya yo mu Buraruko, rifatwa ku ruhande rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk’ibikorwa vyo kugerageza ko Koreya yo mu Buraruko ishbra gutera igihugu ca Amerika.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.