IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Ingingo yafatiwe iradiyo CCIB FM + irabandanya" - CNC

"Ingingo yafatiwe iradiyo CCIB FM + irabandanya" - CNC

vendredi 17 novembre 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 16 Munyonyo 2017, umukuru w’urwego CNC KARENGA Ramadhan yavuze ko muri CNC bashima ko abarongoye iradiyo CCIB FM PLUS bemeye ibitagenze neza.

KARENGA Ramdhan yasubiye kwibutsa kandi icatumye urwego arongoye rufata ingingo yo guhana iradiyo CCIB FM PLUS.

« Inkuru yatanzwe ivuga ku bwicanyi bw’I Kamanyola ntiyari ku rutonde rw’ibiganiro. Intumbero iradiyo CCIB FM PLUS yihaye ntiyemerera kuvuga amakuru nkayo, kuko mu masezerano na CNC handitse ko ivuga ibijanye n’ubudandaji gusa. »

Naho bir’ukwo, umukuru w’urwego CNC arashima ko iradiyo CCIB FM PLUS yashikanye ivyerekana ivyo yiyemeje gukora, kandi ikaba yarafashe n’ingingo zishimishije ku bijanye n’inkuru yatumye baja mu gihano.

JPEG - 57.4 ko
KARENGA Ramadhan,umukuru w’urwego CNC

KARENGA Ramadhan amenyesha ko ibijanye na Radiyo CCIB FM PLUS bizokwigwa mu nama ya bose ya CNC kugira barabe ko mu guhindura ivyo bazokorerako bisunze amategeko.

Ibiganiro vy’iradiyo CCIB FM PLUS vyahagaritswe n’urwego rucungera ingene ibinyamakuru bikora mu Burundi,mu kiringo c’amezi atatu kuva kw’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2017.

Mu nyuma y’ihagarikwa ry’ibiganiro,uwahora arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru igihe inkuru yatumye iradiyo ifatirwa ibihano yavuga,yahavuye ahagarikwa n’abarongozi ba radiyo CCIB FM PLUS.

Bitegekanijwe ko ibihano vyafatiwe Radiyo CCIB FM PLUS bihagarara kw’igenekerezo rya 2 ukwezi kwa mbere ,umwaka wa 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.